IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Inyange Adriano > Inkuru > Menya vyinshi ku buzima bwa Adrien Inyange nk’umuririmvyi wa (...)

Menya vyinshi ku buzima bwa Adrien Inyange nk’umuririmvyi wa Gospel

lundi 6 Ndamukiza 2015

Umuririmvyi wa Gospel Niyukuri Adrien aririmba kw’izina Inyange Adriano, aratubwira itango yo kuririmbira Imana, ivyo yagiye aracamwo, ivyamworoheye canke ivyamugoye, canke abamufashije mu rugendo rw’umuziki mpimbazamana.

Inyange Adriano ati:" Mu ncamake maze ikiringo kingana n’imyaka 5 ntanguye kwinjira mu muziki wa gospel. Natanguye gukora indirimbo yambere" Yesu Yaratsinze" nakoranye na Danny Pro ari nawe yahavuye aba na Producer wanje, gushika urukurikirane "Ubaya wa Shetani"ruhere. Urwo rukurikirane narkoze ikiringo kitari gito. Aho nari mw’ishengero Anglicane. Bivanye n’ibibazo twahura atari uburyo ariko umwanya kuko nari umunyeshure. Ico gihe tawciye tugirana amasezerano na Dany Pro, ko azoshira ku mugaragaro ingabire yanje abicishije. Ivyo Danny Pro mukunkorera amajwi y’indirimbo "production Audios".

Uwo muririmvyi arabandanya avuga uko bakoranye n’umuhinyanyuzi, ati:" Danny pro ntiyatevye gushira mu ngiro. Inyuma yogukora indirimbo ya mbere twaciye dukora iya 2 yitwa "Uwatsinze" muri studio yitwa Hope Studio hari mu mwaka 2010-2011. Sinicaye kuko naciye mfata ingingo yokuzitwara ku ma radio atandukanye. Mu mpera z’umwaka w’ 2011 ushira 2012 nakoze ururirimbo "Ubaya wa Shetani" ari narwo rwaje kuvamwo izina ry’urukurikirane rwa mbere. Bivanye n’ukuntu rwagiye rukundwa n’abantu batandukanye, twaciye turukorera kwa muri golden star record shimira cane kook-k ukuntu yanyorohereza mu kwemerera Producer wanje kunkorera tutarishe amahera na cumi.

Mu mpera z’umwaka w’i 2013 nakoze indirimbo nka "Icubahiro, Ukwiriye Ishimwe, Gologota, My Super Love. Ico gihe naciye mfata urugendo nja mu gikorane muri Tanzaniya mw’ishengero Covenant Fellowship Church i kigoma (Ujiji). Ico gihe aciye ndonka amahigwe yogushika mu ntara y’i Mwanza mu giteramo y’umuririmyikazi Dada Agnes Nkugwe. Nahavuye ngaruka i Burundi guheraheza album yanje hari muri mu mwaka w’i 2014-2015. Naciye nkora indirimbo nka My really love, Fitisezerano, Say Amen, Halleluya, na Mama Mjane arizo zaje kurangiza album kubufasha bwa Studio ya Kate Jean Claude yitwa Simba Record iri mu Rumonge na Danny pro nyene.

Inyange Adriano arashimira ababntu bamufashije mu rugendo kandi n’ubu bakiri inyuma yiwe, ati:" Nagiye ndafashwa n’abantu batandukanye nk’abo mwishengero nasengamwo, ababanyi n’abagenzi. Naciye mfata ingingo yokuyishira ku mugaragaro iri kumwe nama "videos" yayo ashika ku munani kuko nafatiye cane kuzonaririmba mu giswahili no mu congereza. Iziri mu kirumdi ndazishira ku ruhande, kubw’ imvo z’ubuzima narimaze gukora videos 5 nazo mukaba mushobora kuzisanga kuma web site atandukanye muciye kuri you tube. Gushira ku mugaragaro urwo rukurikirane bikakaba bigiye kuba inyuma y’ikiringo kingana namezi 10 kubw’ impamvu z’akazi kadufatiriye mu gihugu ca Tanzaniya.

Mboneyeho akanya ko gusaba imbabazi abari biteze ibirori vyo kuyishira ku mugaragaro, ari ndirimbozo zikaba zibashikira bitagoranye mu kuzisanga kuri google kwizina rya Adrien Niyukuri. Ndashimira cane producer wanje Remy one pro asanzwe ariwe promotor wanje mu gice ca videos. inyuma yayo mezi yose yuko nzoyakoramwo album ya 2 izoba yitwa Hold my hands, Nishike Mkono.Mungawabaliki,Amen"

Umviriza ururirimbo "Say amen by Adriano ft Danny


Cherif Nkeshmana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.