IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > inkuru > Rally Jo yahindukije uruhigi ku bamenyeshamakuru

Rally Jo yahindukije uruhigi ku bamenyeshamakuru

jeudi 28 Myandagaro 2014

Rally Jo yahindukije "micro" ku bamenyeshamakuru b’imicokama. Uwo muririmvyi afise ibibazo ko hari abamenyeshamakuru boba ari abaririmvyi canke ko abataririmba ko vyoba biborohera mu kazi kabo na rirya bakorana n’abaririmvyi iminsi yose, asanze barimwo yipfuza ko bokorana indirimbo.

JPEG - 269.6 ko
Rally Jo ariko abaza umumenyeshamakuru wo kuri "RFM"

Uruhigi rwahindukiye, ibibazo vyahora bibazwa abaririmvyi ubu biriko bibazwa abamenyeshamakuru. Umugambi watangujwe n’umuririmvyi Rally Jo aho twamubonye ariko abaza umumenyeshamakuru wo ku nsamirizi "RFM". Twamwegereye turamubaza ico yariko amubaza, Rally Jo aratwishura ati:" Nama mbona kenshi turi kumwe n’abamenyeshamakuru ba Showbiz, nkibaza ko muri bo hatoba harimwo abaririmvyi kuko ndavye ukuntu bakunda umuziki sinari kureka kuvyibaza. Ikindi nashaka kumenya n’uko abatari abaririmvyi bashobora gukora akazi kabo neza".

Twamubajije ko hari abamenyeshamakuru baririmba yaronse, Rally Jo yatubwiye ko yatangaye yumvise ko harimwo abatari bake baririmba, abo ni nka Christian Nsavye wa "Radio Isanganiro, Adijo Nshimi wa "Radio Culture", Excellent Nimu yahoze kuri "Radio Isanganiro", n’abandi.

Rally Jo yarangije atubwira ko yipfuza ko yokorana indirimbo na bamwe muribo kugira ubucuti n’ugukorana neza n’abamenyeshamakuru bitere intambwe.

Tubibutse ko Rally Jo azoba ari mu giteramo co kurangiza ihiganwa rya "Primusic 2014" kizoba kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro kuri ETS Kamenge, azoba kandi ari kumwe n’umuririmvyi mpuzamakungu Bedja mu giteramo co kuri Musée Vivant ku w’Imana igenekerezo rya 31 Myandagaro.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.