IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emy Smith > inkuru > ‘’UKO MUNGU’’ amasanamu y’iyo ndiririmbo azoshirwa ahabona kuri uyu wa (...)

‘’UKO MUNGU’’ amasanamu y’iyo ndiririmbo azoshirwa ahabona kuri uyu wa 6

jeudi 28 Ntwarante 2013

Umuririmyi wa Gospel benshi bazi ku ndirimbo ‘’ jubilee’’ agiye gusohora amasanamu y’indirimbo yitwa ‘’UKO MUNGU’’.Uwo nawe si uwundi ni Emy smith.

JPEG - 37.9 ko

Uwo muririmvyi tumubajije insiguro y’iyo ndirimbo kuko isanzwe iri mu rurimi rw’igiswahili ,avuga ko amajambo ari muri iyo ndirimbo ari ‘’urangaburira ,uranyambika, unyitayeho naho abantu bompeba sinzoguheba,,,,,’’ iyo nayo ngo ni Imana yiwe, agaca yongeramwo n’agace k’indirimbo iri mu rurimi rw’igifaransa ivuga ngo ‘’Ayaya jesus est bon,IL EST BON,,,’’akavuga ko yashatse kubwira abantu ko imana ari yo yonyene ifise ubushobozi,,,.

Amasanamu y’iyo ndirimbo akaba yayakoreye muri Studio F DONE IT iri kw’ibarabara rya 1 mu buyenzi ahahora BIG SAM. Nyene iyo Studio akaba yitwa Floris akaba ari nawe yakoze Jubilee. Mu ndirimbo zifise amasanamu ‘’Clip’’, iyo ndirimbo igira 4 ariko muri zirya bumviriza gusa arizo twita ‘’Audio’’ igira 6.’’

Ayo masanamu y‘iyo ndirimbo akaba azoshikira abakunzi biwe ku musi wa 6 ku mboneshakure zimwe zimwe ,ariko mw’iyinga riza izoba yageze ku mboneshakure zose‘’bibandanya bivugwa na Emy smith.

Akabirya rero k’iyo ndirimbo nuko harimwo ya ntambo ‘’Mapuka’’ nawe ngo akaba yarakanyukuye muri Yesu bikomeye ngo uravye ivyo yamukoreye ngo ni ukumutambira gushika.Ikindi naco iyo ndirimbo ikozwe mu buhinga bwa none.

Emy smith akavuga ko mu misi iri imbere ashaka gutegura igiteramo akazobimenyesha neza igihe kigeze.Iyo ndirimbo rero akaba yayikoranye n’abigeme bane basanzwe baririmba mu murwi wiwe’’United Mass Choir’’.

Arangiza asaba abakunzi biwe ko bobandanya bamushigikira nawe akabemerera ko azobandanya abanezereza mu bikorwa akora buri musi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.