IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Adjobalove > Umuririmvyi Adjobalove ararahira umunsi mubi kwatigeze yiba

Umuririmvyi Adjobalove ararahira umunsi mubi kwatigeze yiba

samedi 15 Ntwarante 2014

Haheze iminsi itari mike umuririmvyi w’umurundi Adjobalove afatiwe mu gihugu c’Urwanda yagirizwa ubusuma bw’ivyuma vy’umuziki. Uwo yaciye atabwa muri yompi, ubu yararekuwe kandi arahakana ko ata caha co kwiba yakoze, kuko yapfungiwe imvo za Poritike.

Hari mu mpera z’umwaka w’I 2013, igihe inyamiramabi zo mu gihugu c’Urwanda zata muri yompi umuririmvyi w’Umurundi Nduwimana Ismael azwi cane kw’izina rya Adjobalove. Ifatwa ryiwe muri ico gihugu ryari ryasabwe n’inyamiramabi z’uburundi. Ico gihe, inyamiramabi z’I Burundi zaciye zihura n’izo mu Rwanda maze uwo muririmvyi n’ivyo vyuma bivugwako yivye bamuzana I Burundi.

Agifatwa Adjobalove yarahakana icaha, yisigura avugako ivyo vyuma yari yabitwaye mu Rwanda aho yaragiye kubandaniriza umwuga wiwe wo kuririmba.
Uwo muririmvyi yahavuye yezwa n’ubucamanza bw’Uburundi, aho bwasanga ata caha kimwagira. Ica mubabaje kurusha ibindi, ni ivyuma vyiwe atasubiye gukubita ruragwe.

Amakuru tubandanya dusoma mu Kinyamakuru IGIHE.com co mu Rwanda, avugako uwo muririmvyi yapfunze bitumwe n’imvo za poritike. Ayo makuru nyene avugako abanyeporitike bo mu Burundi bamusavye abaririmbire indirimbo zo kubahayagiza nawe ariyankira, ababwirako umu Rasta ataririmbira inyungu z’umuntu umwe ahubwo aririmbira inyungu z’abanyagihugu.

Yagize ati : “Kuva nava muri Amerika abanyaporitike baguma kunsaba kuririmba indirimbo z’ivyo bashaka, nkabahakanira kuko jewe ntashobora kwivanga mu vya poritike. Nababajwe n’uko bancafurije izina banyita umusuma, babuze ico banyagiriza barandekura n ho ivyuma vyanje babigumanye.”

Uyu muririmvyi avugako icemeza ko ifatwa ryarimwo ububeshi n’uko umukobwa w’umwe mu banyaporitike bakomeye mu Burundi yari mu bamwagiriza ubwo busuma bw’ivyuma, yhavuye yivuguruza akavugako atamwivye ahubwo yagiye mu Rwanda atamusezeye kandi yari umushingwamanza wiwe. Ikimuraje ishinga rero ni gukomeza umuziki wiwe naho bamuhungabanije bakamucafuza.

Mwomenyako nyina w’umuririmvyi Adjobalove avuka mu gihugu c’Urwanda.

JPEG - 60.5 ko
ivyuma bamwagiriza ko yivye, avugako yabiguze imiriyoni 13 z’amarundi
JPEG - 67 ko
Inyamiramabi z’Urwanda zihereza Adjobalove izo mu Burundi

Cherif Nkeshimana

Messages

  • komera Cari wowe menya akarengane kararangira aba bose barabibonye
    komeza akazi

  • police izogeza ryari kuiba no kubesha!? mbega aho abahayagiza babaye imana ?nibamuhe ivyuma vyiwe kuko turazi ko ari ibisuma nabicanyi babanyagihugu.baranyivye terephone nanje nukunyica bahatswe kunyica imana irakinga.muriyambitse ibara mumakungu police.akanyeshamba ntigahera ariko murabesha mpimba murareha.muibaza ko mutazobazwa?rindira a mwishiimira bakombogwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.