IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Uwimana Adora > inkuru > Umuririmvyi Adora Uwimana atuzaniye bishasha

Umuririmvyi Adora Uwimana atuzaniye bishasha

mardi 4 Ruheshi 2013

Umwigeme w’umukristu aririmba indirimbo zo gutazira no kuninahaza Imana. Akaba yiteguriye gusohora urukurikirane rwa mbere rw’indirimbo ziwe. Hakaba azoba ari kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro 2013 mu kigo c’abafaransa c’i Bujumbura (IFB).

Adora Uwimana n’umuririmvyi yatanguye kuririmba akiri muto.Yari mu mwaka wa kabiri w’amashuri mato mato. Yavukiye mu muryango waba kristu kukaba nkako umuvyeyi wiwe ni umukozi w’Imana (Pasteur). Ni nawe yanamukundishije ukuririmba no gusoma ijambo ry’Imana. Ukuririmba kwiwe kwanavuye no mugukunda kwumviriza umuziki. Ivyo navyo yaranabifashwamwo n’uwo babana yitwa Marc Kibamba. Uwo mwana wa 2 mu muryango w’abana 7 yatanguye kuririmba neza na neza muri “Sunday School” aho abana bakiri bato biga ukuririmba no gusoma Bibiriya. Akaririmbo kiwe ka mbere yanditse kitwa “Ni wewe mwami wanje”. Akaba yagakuye muri Zaburi ya 16. Ubu akaba ari kizigenza w’abaririmba mu bisabisho vyo gutazira no kuninahaza mw’ishengero rya FECABU.

Uwo mwigeme yavukiye mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Nyakabiga, mu 1989, yatanguye kumenyekana kubo hanze y’ishengero asengamwo mu ndirimbo “Tamsifu Yesu” y’umurwi GMP. Uretse iyo ndirimbo yamumenyekanishije mu masanamu yayo, ihiganwa ryabaye mu 2010 ryitwa “Sing Hallelujah” ryaratumye amenyekana cane aho yaba uwa yatahukana ikibanza ca 3 mu bahiganwa. Akaba yatsindiye ico kibanza ku ndirimbo yiwe bwite ya mbere yasohoye yise “Nuhimbazwe”. Iryo higanwa rikaba ryaciye rimwugururira imiryango yo kuja mu mazu ahinyanyura umuziki. Yaciye asohora indirimbo nka “Twibanire”, “Nampenda” niyavuba cane “Apewe sifa”. Kubakunzi b’umuziki , agahogo kiwe ntikakiri ako kubaza. Yimirije nogusohora urukurikirane rwa mbere rw’indirimbo 7 ziwe yise “Nampenda”. Urwo rukurirkirane rukaba ruzoba ruherekejwe n’amasanamu y’izo ndirimbo.

Ico Adora Uwimana yisangije nuko indirimbo ziwe zirwiriyemwo imidiho ya Raga na Rege. Ivyo navyo bikaba bitamenyerewe mu Burundi na cane cane ku mukobwa aririmba indirimbo zo gutazira Imana. Adora U afise n’umurwi yatanguje mu 2005 ugizwe n’abigeme batamba intambo za Hip Hop witwa “Ganadores”( Abo bari kw’isanamu iri hejuru). Abo bigeme bakaba bava mu ma shengero atandukanye. Mu migambi yiwe, uwo muririmvyi akaba n’umunyeshure mu gisata c’ubutunzi, afise imigambi yo kwiga umuziki nkuko ubu ariko ariga igicurarangisho (igitari). “Umuziki n’umunezero wanje”, iyo niyo nyishu yatanze kukibazo c’ukumenya uko afata umuziki. Yipfuza kuba ico bita umu “professionnelle”mu muziki muri kazoza. Adora n’umuntu akunda gutwenga, kuririmba , kuvuza igitari, akunda no gutamba. Abantu ashimira cane hari umuryango wiwe, umuhinyanyuzi Big Bass, umurwi Ganadores na Landry Mugisha amufashije cane mu masanamu y’indirimbo ziwe. Akaba agira ati: “Imana ibahezagire”.


Luc-Noel INGABIRE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.