Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Paterne Hica > Paterne Hica umuririmvyi ari mu mahanga ahamagarira abategetsi gutwara (...)
Paterne Hica umuririmvyi ari mu mahanga ahamagarira abategetsi gutwara neza
mercredi 26 Ntwarante 2014
Umuririmvyi w’umurundi ari nu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika aherutse gusohora uririmbo aho asaba abarundi gukundana bibagire ubutandukane bw’ubwoko n’intara, asaba abarongozi gutwara neza. Yiyamiriza kandi intambara.
Iyo aba mu gisagara ca New York neza na neza i Rochester, Paterne Hica ntiyibagira guterera mw’ihinduka ry’ibintu mu gihugu ciwe c’amavukiro. Mu ruririmbo yise "Abarundi Dukundane",aherutse gushira ahabona amajwi, Paterne Hica ahamagarira abatware gutwara neza, barinde aho hose hova intambara. Asaba abarundi kurengera ibibatandukanya nk’intara n’ubwoko ni bindi. Avugako Imana yabaremye ari imwe.
Paterne Hica ahamagarira kwirinda intambara, yahoze ari mu buhungiro mu gihugu ca Tanzaniya ari naho yatanguriye kuririmba, hari mu mwaka w’i 2005. Ashitse mu Reta zunze ubumwe za Amerika ntiyahagaritse kuririmba. Uwo murundi atubwira ko umwanya wo kuririmba atawuronka bikwiye nk’uko avyiyumvamwo kuko n’umunyeshure kuri Saint John Fisher College.
Aho mu mahanga, Paterne avugako aguma ari umurundi ari naco gituma indirimbo nyinshi ziwe ziri mu ruririmi rw’Ikirundi canke mu giswahili aho ni nk’ururirimbo "Nzokubona gute" canke "umoja"ruri mu giswahili.
Umviriza impanuro ziri mu ruririmbo" Abarundi Dukundane"
Chérif Nkeshimana
Messages
26 Ntwarante 2014, 14:18, par paterne
Turabashimira cane ukunge muza mudushikiriza amakuru meza kandi mumenyekanisha abarimvyi barimumahanga. Mukara akazi keza cane. Mubandanye mutera imbere. Thx Cherif