IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Cedric Bangui > Cedric Bangy aragiriza abahinyanyuzi batubahiriza ibikorwa vy’abaririmvyi

Cedric Bangy aragiriza abahinyanyuzi batubahiriza ibikorwa vy’abaririmvyi

jeudi 30 Gitugutu 2014

Umuririmvyi Cedric Bangy amaze iminsi afata ingendo zimushikana mu guhugu c’Urwanda, avuga ko ari mu gikorwa gikomeye co gushira ahabona urukurikirane rugira icumi na kabiri rw’indirimbo z’iwe. Amenyesha ko abahinyanyuzi b’i Burundi bari muri bamwe bica ibikorwa vy’abaririmvyi.

Cedric Bangy umuririmvyi w’inararibonye ariko ategura urukurikirane rw’icumi na kabiri mu myaka 24 amaze ari aririmba, urwo ruzoba rugizwe n’indirimbo cumi, hamaze gusohoka izi kurikira: Zaga, Siriba, Uri Mawe, Ndabakumbuye, Amahoro. Uru rukurikirane rushasha rutandukanye n’izindi amaze gukora amaze kuko zose zigizwe n’indirimbo 13. zimwe muri izo ni nka: Chuchuwena, Kamusosore, Wiriwe, Nya mpinga, Mw’ijuru n’izindi. Ivyo mu kubisigura, Cedric avuga ko ari kubera ariko akorera mu gihugu c’Urwanda aho gusohora ururirimbo bizimvye. Cedric Bangy avuga ko kuva kera atangorane yigeze agira mu bijane naho akura ivyiyumviro aririmba kubera afata umwanya munini wo kwiyumvira narirya avuga ko aryama kare.

Urwo rwirikirane ategekanya ko ruzosohoka mu ntango z’umwaka w’i 2015, zimwe mu ndirimbo zaratanguye gukorerwa isanamu, aha avuga ururirimbo "Siriba" rwari rwaheze gukorerwa isanamu n’umuhinyanyuzi Prince Mshindi ariko hageze ko isohoka akamubwira ko yahiye. Cedric ati:" Abahinyanyuzi b’i Burundi bari muri bamwe bica ibikorwa vy’abaririmvyi". Cedric avuga ko ivyo biri mu bituma ahitamwo gukorera isanamu canke amajwi y’indirimbo ziwe mu Rwanda k’umuhinyanyuzi Gate.

Mwomenya ko kuri uwo wa mbere genekerezo rya 03 Munyonyo, uwo muririmvyi azosubira mu gihugu c’Urwanda gukora ururirimbo rwa gatandatu, ariko ashaka ko isanamu y’ururirimbo "Siriba" yoba yasohotse

raba isanamu y’ururirimbo "Si Abasazi" yasohotse mu mwaka w’i 2012


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.