IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Samantha > Inkuru > Umuririmvyi Samantha Katihabwa ashobora kuba umuririmvyi rurangiranwa

Umuririmvyi Samantha Katihabwa ashobora kuba umuririmvyi rurangiranwa

lundi 21 Nzero 2013

Umuririnmyi w’umurundikazi Samantha Katihabwa aherutse gutahukana ikibanza ca kabiri muri Primusic, ihiganwa ry’abaririmvyi b’abarundi ryatunganijwe n ‘ishirahamwe Brarudi,kubwiwe ngo kuririmba ubikunda imbere yuko ubigira akazi.

Nkuko avyivugira ati:«Natanguye kuririmba nkiri umwana muto cane,abaririmvyi nakunda cane ni Mariah Carey,Whitney Houston,nama ndiko ndabasubiramwo indirimbo zabo ariko sinarinzi Ko kuririmba nobigize umwuga»

JPEG - 5.5 ko

Mu mwaka uheze Samantha yaritavye ihiganwa «Tusker project fame 5» ryabereye mu gihugu ca Kenya aho hari hitavye abaririnvyi bamaze gushika kure mu mwuga,akaba yatahukanye ikibanza c’8.Ngo amaze kwunva iryo higanwa rya Primusic yiyunvisemwo ko ari akaryo keza kugirango ashobore kumenyekana mu gihugu.

Ngo gutahukana ikibanza ca kabiri mwihiganwa rya Primusic ntavyo yari yiteze cane, ati:«siniyemera cane ariko abagenzi,abonzi n’abo ntazi bantoye ku bwinshi,ivyo bikaba vyarampaye inguvu cane,kuko nahiganwa n’abaririmvyi babizi cane kandi bamaze gutera intambwe mu muziki , ntiriwe ndavuga umuririmvyi Rally Joe .Ariko ivyo vyantumye nkora cane,kubona rero ntahukana ikibanza ca kabiri mu baririmvyi nk’abo vyanyeretse ko nashimishije abantu».

JPEG - 5.2 ko

Umuririmvyi Samantha Katihabwa ngo akaba ashimira cane ishirahamwe Brarudi kuri iyo ntumbero nziza ryihaye akaba asaba n’ayandi mashirahamwe ko yoyifatirako akarorero,mu gushigikira no guteza imbere abaririmvyi,ngo kuko atawokwirengagiza ko umuziki uhuza abantu,ufasha mu kubumbatira amahoro,n’urukundo na cane cane mu gihigu cacu.Uwo mu ririmvyi ubu akaba ari mu gihugu ca Ouganda gukora indirimbo zizotuma amenyekana mu Burundi,mu karere ndetse no mu makungu.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.