IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lil Wayne > Umuririnvyi Lil Wayne arabeshuza inkuru ivugako yaramerewe nabi

Umuririnvyi Lil Wayne arabeshuza inkuru ivugako yaramerewe nabi

samedi 16 Ntwarante 2013

Umuririnvyi w’umunyamerika Lil Wayne yaremeje kumunsi wagatanu kumuhora wa twitter ko amerewe neza,mugihe umuhora wa internet TMZ.com ukora ahanini kubijanye n’amakuru y’abantu bazwi cane(STAR) wari wamenyesheje ko ari mubitaro kandi amerewe nabi cane.

"Ndabaramukije mwese,ndakomeye,mwarakoze kurukundo rwanyu no kubisabisho vyanyu",yamenyesheje uwo muririnvyi inyuma yaho TMZ.com yemeje ko arwariye mubitaro ari no muri coma ndetse ko n’umuryango wiwe uriko uriruka kuja kumuraba.
Kubwa TMZ.com,uwo muririnvyi w’imyaka 30 yamavuka ngo yajanywe kubitaro vyi Los Angeles kumunsi wa kabiri inyuma yaho afatiwe,kumunsi wagatatu ngo yarasohotse ibitaro ariko inyuma y’amasaha makeyi yaciye asubira kujanwa kubitaro,ngo kandi amagara yiwe aracakitswe kuva ico gihe kubwa TMZ,ngo nkuko inkuru ziva kurivyo bitaro zibibabwira.

Muri nyakanga,Lil Wayne yari yatahukanye instinzi zine mumwaka w’2008 muvyo bita GrannysAwards,akaba yari yaciye imbere umuririnvyi rurangiranwa w’umudiho wa rock Elvis Presley mukuboneka cane mubantu 100 bo mukinyamakuru Billboard c’indirimbo zigurishwa cane.

Kubera yaririmbanye n’umuririnvyi Game mururirimbo ‘’Celebration’’,Lil Wayne afashe indirimbo ziwe wenyene n’izo aririmbana n’abandi baririnvyi ngo yaramaze kuboneka incuro zigera kw’109 murutonde rw’abantu 100 bo mukinyamakuru Billboard,ubw’ico kinyamakuru.


Keza Alexandrine

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.