IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Ashley arahakana ko adakundana na Satb

Ashley arahakana ko adakundana na Satb

vendredi 1er décembre 2017

Girukwishaka Ashley yabwiye abamenyeshamakuru ko igiteramo yimirije gukorera mu Burundi yaciteguriye bikwiye, kuva akiri muri Kenya,haba kuririmba akoresheje ijwi ryiwe (Live), canke afashijwe n’ivyuma (Playback).

Aho muri Kenya, Ashley amenyesha ko yashizeho umurwi w’abamufasha kumenyekanisha ibikorwa vyiwe, eka no mu Burundi ngo arafise abamufasha ico gikorwa.

Mu ruririmbo"My Level", Ashley aravugamwo umuntu asa n’uwubwira ko atazopfa amusubije hasi, ko adashobora gushika ku rwego agezeko n’ibindi. Muri ico kiganiro, Ashley yaranse kuvuga izina ry’uwo agereranya na Lady Gaga( Umuririmvyi n’umwanditsi w’i Manhattan mu gisagara ca New York), mu gihe nawe (Ashley) yigereranya na Nicki Minaj.

Yarabajijwe kandi ku bijanye n’imigenderanire afitaniye na Satb, narirya abo babiri bakunze gucisha amajambo kuri facebook nk’aho boba bakundana. Ashley yishuye ko Satb badakundana, ko wewe asanzwe afise uwo bakundana.

Tubibutse ko Ashey aje mu giteramo kizoba kw’igenekerezo rya cenda Kigarama, kuri Star Hotel.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.