IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Ashley asigaye ari bitumwako n’abaririmvyi bo muri Kenya

Ashley asigaye ari bitumwako n’abaririmvyi bo muri Kenya

mardi 28 Gitugutu 2014

Umuririmvyikazi Ashley abarizwa mu gihugu ca Kenya. Urugendo rwamujanye rufise intumbero zibiri, ashobora kwivuza indwara yo mu muhogo ariko kandi yagiye ku butumire bwo gukorana ururirimbo n’umuririmvyi wo muri ico guhugu.

Inyuma y’iminsi mikeyi arwaye indwara yo mu muhogo "Angine", Ashley yafashe urugendo agana mu guhugu ca Kenya. Nk’uko yabivuga igihe yararwaye yavuga ko azoja kwivuza. Aho amariye gushikayo, Ashley yitavye ubutumire bwo gukorana indirimbo n’umuririmvyi Chopha waho muri Kenya. Ashley iyo ari muri Kenya ayagira ikinyamakuru IGIHE.bi ko kugira amenyane n’uwo muririmvyi vyaciye k’umuhinyanyuzi Fillo akora muri "Main Switch Studio". Indirimbo azokorana na Chopha izomenyeka kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu. Ashley yemeza ko isanamu y’ururirimbo itegerezwa kuzokorerwa mu Burundi.

JPEG - 121 ko
Ashley ari kumwe n’umumenyeshamakuru Fillo

Imbere yaho Ashley ni umutumire w’umumenyeshamakuru Kazungu akora ku nsamirizi n’imboneshakure KBC Nairobi aho azovuga ibijanye n’urugendo rwiwe aho muri Kenya nk’umuririmvyi. Ashley avuga ko azoba umutumire kuri nsamirizi hanyuma no ku mboneshakure.

Mwomenya ko Ashley ariko amenyekana cane mu muziki w’Uburundi bikabonekereza mu ndirimbo n’amasanamu yazo ariko asohora.

Amwe mu mafoto arungika iyo ari mu gihugu ca Kenya

Raba isanamu y’ururirimbo "Nkorako" iheruka gusohoka


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.