IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > Hafi y’icibutso ca Rwagasore hazokwugururwa icibutso c’umuririmvyi N (...)

Hafi y’icibutso ca Rwagasore hazokwugururwa icibutso c’umuririmvyi N John

jeudi 23 Gitugutu 2014

Icibutso cubakiwe umuririmvyi N John cari kimaze iminsi kivugwa kigiye kwugururwa icese imbere y’abavukantara ba Karusi. Ni imboneka rimwe aho umuririmvyi yubakirwa icibutso ku murwa mukuru w’Intara.

JPEG - 83 ko
Icibutso kiriko cubakirwa umuririmvyi N John

Hafi y’icibutso c’umuganwa Rudoviko Rwagasore icungu y’ukwikukira kw’Uburundi, hubatswe icibutso c’umuririmvyi N John. Umwe yiguze Uburundi, uwundi yatsinze ihiganwa rya "Isanganiro Awards 2014"ritegurwa n’insamirizi y’Isanganiro akaba yatsinze ku bw’ururirimbo "Ndasavye Ijambo".

Mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE, Richard Nzokizwanimana, Buramatari w’intara ya Karusi, avuga ko ico cibutso cubatswe kugira bashimire uwo muririmvyi yateye iteka intara y’iwe mu gutsindira ako agashimwe. Buramatari ati :" Hari abatari bazi intara ya Karusi, ariko kuva aho ironkeye ako gashimwe kazanywe n’urya muririmvyi, intara y’iwe akavugwa, vyatumye imenyekana mu vyiza (aspect positif). Siwe wenyene agiriwe ivyo n’uwundi wese azotera iteka intara azoshimirwa bihagije".

N John nawe avuga ko ashima cane iciyumviro c’abanyagihugu bobo batanze amaboko mu kwerekana ko intsinzi yiwe ishigikiwe na bose. Ku bw’ivyo, isanamu y’ururirimbo rwamuhaye itsinzi igiye gusohoka mu minsi mike iri imbere.

Mwomenya ko ibirori vyo gushira ku mugaragaro icibutso c’umuririmvyi N John bizoba ari ku munsi wa gatandatu w’igenekerezo rya 25 Gitugutu.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • imboneka rimwe aho umuburundi bashimira umuntu atarapfa merc bcq nibaza ko buramatari atari umu DD!!!!!kuko vyoba bitagaje

  • ubujuju buzohraryari mu burundi?un monument???encor àcôté de celui de l’heros Prince Louis Rwagasore???est-ce k pas des lois qui régissent la construction des monuments??ohh Burundi.

  • " intara y’iwe "?????? iwe hehe???? Ndabasavye. Ko mwiyemeje kwandika mu kirundi mube mubigira neza. Murakoze

  • yoyoyo ntibintu bisekeje isanganiro award ntumwana muto yo baseka pe ngo kumwubakira icibutso abarundi ntimurajijuka.

  • Havuga uwo bubezw aha ndumiwe! ngwik?!! none gayemw izintwaro naho ndazirimwo harivyo ntaza nemeza namba yashimwe kumwubakir icibutso nabikorer iwe mbe iyontar itazwi niyih? vire hasi rimwe twiyamiriz akokabi ntaho bitaniy nokwibigwa ikinogo uzohambwamwo ugihema mbega none numupfu!!!!!!!

  • Wesha Mugisha, icowomenya nuko radio Isanganiro ihambaye ikoramwo ibihangange kandimazekuramura abantubeshi bakora muzindinzego zikomakomeye mugihugu cacu cu Burundi ntuhazerero uyihereranya na RPA na Kiramvu wayo! Arikonahonyene hariyo igihangange citwa Serge.ehensakwereke urazombarira umumenyeshamakuru ameze nka Kiramvu wokur’Isanganiro:

  • Haaaa emwe ndumiwe none karashize ingani mugihugu habure abagabo.Bubake ugwibutso gumuntu akiriho? Ahoho NIBUBAKE Nugwa NKURUNZINZA kuko atwariye neza aba DD.

  • Haaaa emwe ndumiwe none karashize ingani mugihugu habure abagabo.Bubake ugwibutso gumuntu akiriho? Ahoho NIBUBAKE Nugwa NKURUNZINZA kuko atwariye neza aba DD.

  • abanuntu barapfuye kera ntitwabimenya kubakira umuntatarapfa canke ntazisiguro yikibutso!nn gayemwe uwo aserukira umukuru wigihugu muntara canke na petero atekerezuko?turagowe dutunzwe nimana namba bose batekerezuko.

  • non sans blag N.John ndamuknd tro me ico cibtso pr aboutir àkoi? warahi narab ntibamuhnd non c’est un decede ou vivant?n.jonh! désole ncy nshavr de nukawuk ntibakubik kowapfy kand ukirh yarimpanr wang urazk atac dupf we p6and love

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.