IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > N John Melodica akitswe n’amagara mu buhungiro

N John Melodica akitswe n’amagara mu buhungiro

mardi 27 Nzero 2015

N John arakitswe n’amagara iyo ari mu buhungiro. Kuva ahungiye mu mahanga nta gahengwe araronka, eka n’umuryango wiwe urabangamiwe n’abantu bawutera ubwoba.

Umuririmvyi N. John yamenyesheje ikinyamakuru IGIHE ko akitswe n’amagara, ivyo rero si ubwa mbere arwaye kuva aho ahungiye igihugu kubera iterabwoba. Uwo muririmvyi atubwira ko yibaza ko ari ivyo kurya vyamunaniye. Abandanya avuga ko yariko amenyerana n’abaririmvyi hamwe n’abahinyanyuzi b’aho ari, aho mu munsi ya vuba yagomba gusohora ururirimbo.

N John akitswe n’amagara, eka n’umugore wiwe ararembejwe n’abantu bamugirako iterabwoba, agsaba ko boreka kumutoteza no gutoteza umuryango wiwe.

Mwomenya ko N John yahunze guhigwa buhongo vyavuye ku ruririmbo "Ndasavy’Ijambo"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.