IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > Bamwe mu baririmvyi bagiriza abamenyeshamakuru b’umuziki kutitwara (...)

Bamwe mu baririmvyi bagiriza abamenyeshamakuru b’umuziki kutitwara neza

mercredi 26 Ruhuhuma 2014

Umuririmvyi Mkombozi ntiyakira neza ibikorwa vy’abamenyeshamakuru b’Abarundi bakora ibijanye n’abaririmvyi. Ivyo abivuga afatiye ku ngingo zafatiwe mugenziwe Farious ku ruririmbo What’s my name rumaze iminsi ruhagaritswe ku nsamirizi zimwe zimwe.

Inyuma y’ihagarikwa ry’ururirimbo What’s my name hamwe n’ibindi bikorwa vy’umuririmvyi Farious ku nsamirizi zimwe zimwe, twararondeye ivyiyumviro ku bandi baririmvyi. Mkombozi twayaze, avuga ko Farious yasohoye icari ku mutima wiwe. Ku bwiwe, Farious yama yaririmvye indirimbo ziryohera Abarundi, ariko hariho abantu nawe batamuha ikibanza akwiriye ari naho rero yashatse kumena igihute.

JPEG - 24.7 ko
Umuririmvyi Mkombozi

Arongera akavuga ko abo bamenyeshamakuru bagize nabi gufatira ingingo umuntu adahari, kandi atarahabwa umwanya wo kwisigura, kiretse boba baramutumiye akanka kwitaba. Ati : "Hamwe ivyo vyoba vyagenze ukwo, n’abamenyeshamakuru boba baramurengeye akarimbi, kuko yari akwiye gusabwa insiguro kuvyo bamwagiriza ko yatutse abamenyeshamakuru bakora amakuru y’umuziki."

Arangiza anegura ingene abamenyeshamakuru bakora amakuru y’abaririmvyi bakunda kuvuga ibitangenda neza kuko iyo hagize umuririmvyi afitanira ikibazo n’uwundi baranyarutsa kubivuga, ariko iyo basubije hamwe ntibivugwe. Atanga akarorero k’abaririmvyi Farious na Lolilo bigeze kuba bafitaniye ibibazo, ico gihe vyaravuzwe cane, ariko umunsi bategura igiteramo co gusubiza hamwe, si benshi babivuze.


Chérif nkeshimana

Messages

  • that is the fact hariho aba menyeshamakuru bamwe bamwe bagize umwuga gucoza aba ririmvyi sana vraiment ivyo mukombozi yavuze nivyo cane ahubwo noca nsaba amicale des musiciers kuza yumviriza ikongera igahanura abo bamenyeshamakuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.