IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alfred & Bernard > inkuru > Ikiganiro IGIHE yagiranye n’abaririmvyi babiri Alfred Nyandwi na Bernard (...)

Ikiganiro IGIHE yagiranye n’abaririmvyi babiri Alfred Nyandwi na Bernard Ndoricimpa

mercredi 16 Nzero 2013

Umugwi w’abaririmvyi babiri Alfred Nyandwi na Bernard Ndoricimpa uramaze kuririmba indirimbo zitari nke kandi zakunzwe n’abantu benshi. Baririmbisha ibikoresho kavukire kandi baririmba indirimbo z’imico kama.

JPEG - 108.8 ko

None uwo mugwi wavutse ryari, ugizwe na bande, bakorana gute, bafise intumbero iyihe.

Kugirango tumenye vyinshi kuri bo, twagiranye ikiganiro.

IGIHE : Turabaramukije,n’amahoro ?

Alfred : Ego turakomeye, kandi tubahaye ikaze.

Bernard : Karibu murisanze, tumeze neza.

IGIHE : Turashobora kwidondorana tukamenyana ?

Alfred : Jewe nitwa Alfred Nyandwi, navukiye mu ntara ya Bujumbura Rural komine
Isale ku mutumba Gishingano, italike 17 Myandagaro 1988.

Bernard : jewe nitwa Bernard Ndorimpa, na jewe navukiye muri komine Isale intara ya Bujumbura Rural ku musozi Gishingano, italike 1 ukwezi kwa Rusama 1986.

IGIHE : Muravukana?

Bernard : Oya ntituvukana ariko Alfred ni muvyaranje.

IGIHE: Abavyeyi banyu boba barigeze kuba baririmba?

Alfred: Ego. Abavyeyi bacu bahora baririmba mu mugwi witwa Orchestre ‘’N’akaranga’’.

IGIHE: Ubu abavyeyi banyu babahe?

Bernard: Abavyeyi banje baba mu Gatumba

Alfred: Jewe abavyeyi banje baracaba muri komine Isale nyene.

IGIHE: Mwotubwira muri make ingene mwari mumeze mukiri bato?

Bernard: Jewe nakunda ibintu bijanye n’imico kama, narakunda no kuragira impene
n’inka twari dufise muhira.

Alfred: Na jewe kera narakunda kuririmba nkoresheje umuduri wa papa wanje.

IGIHE: Mbega hari amashure mwize?

Alfred: Ego. Jewe narize kuva mu mashure matomato, ubu ngeze mu mwaka w’12 mu
gisata ca Electromecanique.

Bernard: Jewe nize amashure matomato n’ayisumbuye. Ubu narahejeje igisata ca Informatique.

IGIHE : Mbe ni kubera iki mwashimye kwiga ivyo bisata vy’ubuhinga ?

Alfred : Jewe nakurikiranye Electronique kugira menye neza ivyerekeye gukora umuyagankuba, imiduga.

Bernard : Jewe nashimye kwiga Informatique kugira menye neza ibigize imashine Ordinateur no kuyikoresha.

JPEG - 102.2 ko

IGIHE : Kubera iki mutashimye kwiga ivyerekeye umuziki kubera mwawukunda kuva kera ?

Bernard : Jewe nabonye kwiga Informatique bizonfasha kuririmba neza.

Alfred : Na jewe nashatse ko mu muziki vyanse noca nja gukora imiduga n’ibindi.

IGIHE : Mbega murubatse canke murafise abakobwa mukundana?

Alfred: Jewe ndafise umukobwa dukundana kandi nifuza ko mu myaka 2 twoca tugira mariage. Umukobwa dukundana yitwa Joselyne, yiga mu mashure yisumbuye.

Bernard: Jewe ndubatse nfise umugore tuba muri komine Kamenge aha mu gisagara ca Bujumbura. Umugore wanje yitwa Anne Marie.

IGIHE: Bernard, ufise abana bangahe?

Bernard: Oya nta mwana turaronka ariko umugore aribungenze, azovyara mu kwezi
kwa Ruhuhuma.

IGIHE: N’igiki mumaze kubona abantu bakunda kuri mwebwe?

Bernard: Abantu bakunda cane ingene turirimba twambaye. Ikindi bakunze cane ni indirimbo twaririmvye yitwa ‘’ Nkunda abantu’’.

IGIHE: None muririmba mwambaye gute?

Alfred: Dukunda kuririmba twambaye imitamana y’impuzu y’igiti,dukenyera impuzu za kera tukarenzako umutama w’impuzu isanzwe, ku maguru tugashiraho inyerere, ku mutwe naho tugashirako igitako.

JPEG - 59.8 ko

IGIHE: Mwiyumviriye gute gutangura umuziki kavukire?

Bernard: Twatanguye turirimbira mw’ibarabara, tukaririmbira abantu nabo bakaduha amafaranga. Niho twaciye tubona ko abantu bakunda umuziki wacu hanyuma dutangura gukora indirimbo.

IGIHE: None ubu mugeze hehe mu vyerekeye umuziki wanyu?

Bernard: turamaze gukora urukurikirane rw’indirimbo Album imwe ifise indirirmbo imwe, iyo Album yitwa ‘’Nkunda abantu’’.

Alfred: Ubu turiko turategura iyindi Album igira kabiri yitwa ‘’Ni mungarukire’’, izoba ifise indirimbo cumi na zibiri. Ubu haraburamwo indirimbo zitatu kugira ngo iyo Album ihere neza.

IGIHE: Ni ikihe ciyumviro catumye mugira iyo Album ya kabiri?

Bernard: Twayiririmvye twihweje ibihanze u Burundi, gusubiza hamwe, guhanura abanyepolitike n’ibindi.

Alfred: Iyo Album igira kabiri twayikoze kandi turavye ubuzima bw’abana bari mw’ibarabara.

IGIHE: Ko muri babiri, ninde umukuru w’umugwi wanyu?

Bernard: Nta n’umwe aserukira umugwi wacu, twese turi co kimwe.

IGIHE: Ninde yabafashije kugira mutere imbere mu muziki wanyu?

Bernard: Uwatanguye kudufasha ni Alexis Sinduhije yari arongoye iradiyo RPA, yadufashije gusohora ama CD ya mbere. Hanyuma dufashwa na studio yitwa ‘’Tanganyika studio’’ ya Sinduhije nyene cane cane Leon Bachir Dia arongoye iyo studio.

IGIHE: Hari ibiteramo mwoba muratumirwamwo?

Bernard: Aha mu Burundi mugihe c’amatora yo mu mwaka w’2010, twararirimvye indirimbo nyinshi zerekana ko hari amahoro, abantu bakundana kandi ko igihugu gitekanye.

IGIHE: Mwoba muraja mu biteramo hanze y’igihugu?

Bernard: Turamaze kuja mugihugu ca Chine aho twaserukiye u Burundi mu gisata c’indirimbo z’imico kama. Hari mwaka w’2010, ico gihe hari ibihugu 184, mu mwaka w’2011 naho nyene twarasubiyeyo mu Bushinwa aho bita XIAN.

IGIHE: Nta bindi bihugu murajamwo?

Bernard: Turamaze kuja no muri Cameroun, Congo Brazzaville, muri Kenya twahakuye agashimwe ka EAT Music Award mu gisata c’idirimbo z’imico kama.

JPEG - 482.5 ko

IGIHE: Muri iyi minsi hari ahandi mutegekanya kuja?

Alfred: Italike 7 Ruhuhuma 2013 tuzoba turi mu Rwanda.

IGIHE: Muzoba mugihe gukora iki?

Alfred: Tuzoba tugiye mu giteramo ca Festicab (EAC), tuzoba duserukiye u Burundi.

IGIHE: Tugarutse kuri Album yanyu, izoba ari amajwi gusa canke hazoba harimwo n’amasanamu?

Bernard: Album ya kabiri izoba ari Audio (amajwi gusa), ibijanye n’amasanamu tuzobigira hanyuma.

IGIHE: Ni izihe ngorane muhura nazo mu kazi kanyu k’umuziki?

Alfred: Ica mbere nta Droit d’auteur ihari aha iwacu mu Burundi, ikindi iyo dutumiwe mu biteramo baduha amafaranga makeya.

IGIHE: N’akahe kajambo mwobwira abantu?

Alfred: Ico twobwira abantu n’uko umuntu wese yoha agaciro umuririmvyi akwiye, ikindi n’uko Reta y’u Burundi yoduha agateka kadukwiye.

Bernard: Birakwiye ko igihugu kidutera intege kugira ngo ntidusubire inyuma.

IGIHE: Muri kazoza mwifuza gushika ku ki?

Bernard: Twifuza kuzoba abaririmvyi rurangiranwa kw’isi tubicishije mu karanga k’iwacu. Turifuza kandi kuzokwubaka ishure ryigisha imico kama hamwe no kuririmba indirimbo z’akaranga n’ibikoresho kavukire.

IGIHE: Murakoze.

Alfred: Mwakoze namwe kutugendera.

Bernad: No hanyuma tubahaye ikaze muzogaruke.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Messages

  • aba ba jeune bari mu baririmbyi bake cane nemera i burundi , indirimbo yabo nkunda abantu none ni hatari iyo abarundi tubana ( aho mba mugihugu cimwe co muri scandinavie ) tugize fete , iyo ndirimbo nkunda abantu ntibura , yamaze kuba nka hymne yacu , ivuze numuntu adatamba arahaguruka akayitamba kuko ni indirimbo iryoshe yuzuyemwo ubutumwa bwiza , indirimbo zabo ni indirimbo zifise akanovera , si nka zimwe zabaririmbyi bubu baririmba za ndagukunda gusa . ndifurije aba bajeune gutera imbere. hama turarindiriye alboum yindi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.