IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alfred & Bernard > inkuru > Intsinzi y’umuduri yatashe i Burundi

Intsinzi y’umuduri yatashe i Burundi

vendredi 29 Munyonyo 2013

Alfred Nyandwi na Ndoricimpa Bernard baherutse mw’isaburukuru ryataziriwe ”Sica”mu gihugu na Benin. Ibendera ry’Uburundi ryarahungabanye mu ngoro y’amakoraniro yo mu gisagara ca Cotonou, imbere y’ihoteri”Pantagruel”, Intsinzi y’umuduri irataha i Burundi.

Hari kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo aho umurwi “Nkudabantu” wururira indege y’ishirahamwe Kenya Airways bagana mu gihugu ca Benin, aho bari bitavye isabukuru ”Sica”. Bari baherekejwe n’umumenyeshamakuru wa radio Isanganiro Christian Nsavye. Bashikiye mw’ihoteri ”Pantagruel” iri mu gisagara ca Cotonou, umurwa mukuru w’ico gihugu. Isabukuru ryahuza ibihugu cumi na bitatu: Uburundi, Urwanda, Benin, Togo, Cameroun, Tchad, Sierra Leone, Burkina Faso, Congo Brazzaville, Ghana, Gabon na Guinee.

Alfed na Bernard n’indirimbo yabo “Nkundabantu”, ngabo barashitse mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’amahiganwa, bagira batangure ihiganwa, Christian Nsavye asaba imisegunda mirongo itatu kugira bamenyeshe igicurarangisho c’umuduri icari co n’ingene kivuga. Alfred aca arabahonja, amashi menshi n’urwamo birumvikana mu ngoro y’amakoraniro. Amanota k’Uburundi ariyongera, maze batahukana itsindi y’agashimwe ka « Trophee Meilleur Presentateur »w’umwaka w’2013.

Indirimbo“Nkundabantu” yarakunzwe bidasanzwe kuko abaririmvyi bose baciye baja hamwe bayisubiramwo gushasha, umwe wese ashiramwo amajwi yiwe mu ndimi zitandukanye. Ivyo bitwibutsa indirimbo”we are the World”y’umuhisi Michael Jackson aho yasubirwamwo n’abandi baririmvyi. Amahiganwa yarangiye neza, Alfred na Bernard basezerana n’abo bariko bahiganwa mu kanyamuneza ntangere iruhande y’ibahari Atlantique.

Barashimira abantu batandukanye babafashije kuronka itike ry’indege n’inahuri, n’ishirahamwe Wallonie Bruxelles, uwo batazira Kiwala akora muri banki interbank, umupfasoni Maman Irene, Natasha akora muri Hotel Club du Lac Tanganyika, eka n’abandi batereye mu buryo ubu canke buriya.

Alfred & Bernard - Nkunda Abantu (Official Trailer)
www.youtube.com


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Burya abarundi tugezekure bimaze kubonekana ko inyuma yokwishinga ibitagirakimara vyirdyane zamoko abarundi bariko barakora bidasanzwe umwewese icashoboye muntumbero yogutezimbere u Burundi nokubumenyekanisha mumakungu mugukorivyiza kugira abahora baziko uburundi burangwamwo ibibi mazebasange mengontivyigeho. Abobaririvyi bateye iteka uburundi nabarundi abarihanze yu Buburundi nabari mugihugu hagati kubwivyo murakaramba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.