Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > Karusi : Ikimenyetso "Pancarte" c’umuririmvyi N John kizoja aho bose (...)
 Karusi : Ikimenyetso "Pancarte" c’umuririmvyi N John kizoja aho bose bazobona
 Karusi : Ikimenyetso "Pancarte" c’umuririmvyi N John kizoja aho bose bazobona
				
				vendredi 5 Nyakanga 2014
Umuririmvyi N John ariko yubakirwa ikimenyetso mu ntara avukamwo. "Iteka yateye intara yiwe ni ntibagirwa", bivugwa na buramatari w’intara ya Karusi. Ikimenyetso kizoshirwa aho kizobonwa n’abantu bose bazogendera iyo ntara bazobona.
 
- Richard Nzokizwanimana arongoye intara ya Karuzi
Inyuma yo gutsindira ihiganwa rya "Isanganiro Wards 2014" n’ururirimbo "Ndasavye Ijambo", N John avuka mu ntara ya Karusi yaciye yakirwa nk’umuntu w’igitangaza muri iyo ntara avukamwo. Ku bw’ivyo, Richard Nzokizwanimana, Buramatari w’intara ya Karusi yafashe ingingo yo kwubaka icibutso c’uwo muririmvyi.
Mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE, Richard Nzokizwanimana avuga ko ico cibutso cubatswe kugira bashimire uwo muririmvyi yateye iteka intara yiwe mu gutsindira agashimwe k’"Isanganiro Awards". Buramatari ati :" Hari abatari bazi intara ya Karusi, ariko kuva aho ironkeye ako gashimwe kazanywe n’urya muririmvyi, intara yiwe akavugwa, vyatumye imenyekana mu vyiza( aspect positif). Siwe wenyene agiriwe ivyo n’uwundi wese azotera iteka intara azoshimirwa bihagije".
 
- N John ahawe "Isanganiro Awards 2014"
Richard Nzokizwanimana abandanya avuga ko ico kimenyetso ari gutera intege abandi banyamyuga babone ko intara ibitayeho. Kiretse ico kimenyetso, Richard Nzokizwanimana, buramatari w’intara ya Karusi atubwira ko intara ihora ifasha uwo muririmvyi no mu gutegura ibiteramo canke ibindi bikorwa vyiwe iyo ayituye arondera imfashanyo.
Ico cibutso" Pancarte" ntikirahera gukorwa, ariko nk’uko buramatari abivuga, kizoba gishushanijeko N John, inyuma y’ishusho yiwe hazoba hariko igicapo c’intara ya Karusi yose.
Cherif Nkeshimana
