Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indirimbo za Patient MATABARO zaronse isoko mu mahanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Patient Matabaro > Inkuru > Indirimbo za Patient MATABARO zaronse isoko mu mahanga

Indirimbo za Patient MATABARO zaronse isoko mu mahanga

mardi 3 Ntwarante 2015

Abaririmvyi bo mu Burundi bariko barondera amasoko yo kugurisha indirimbo zabo mu bihugu vyo mu karere. Mbega mu Burundi habuze uwozana urwo rucuruza kugira umuririmvyi atungwe n’akazi kiwe?.

Inyuma ya Ashley GIRUKWISHAKA aheruka kugirana amasezerano yo kugurisha indirimbo ziwe n’ishirahamwe "Room Tech" ryo muri Kenya, Patient MATABARO nawe yafashe iyo nzira nyene. Uwo nawe yagiranye amasezerano y’imyaka itatu n’ishirahamwe DMARK ryo mu Buganda. Amahera MATABARO azokura mu muziki wiwe azovana n’uko indirimbo ziwe azoba yarungitse zizovuzwa muri za ngendanwa nk’ururirimbo rwo kwitabirako ivyo bita "Sonnerie", canke uwuzoshaka kurungikira uwundi ururirimbo. Uko umuntu wese azokoresha ururirimbo rwa Patient MATABARO mu ndirimbo azoba yahaye D MARK bizomutwara amahera. Ayo mahera amwe azoja kuri "Compte" ya MATABARO ayandi muri DMARK.

Mu gihe mu Burundi abaririmvyi bama bidoga ko batabona vuba inyungu z’umuziki wabo kubera indirimbo zabo zitaronka isoko, bamwe bamwe bariko buguruka amaso baja kurondera isoko mu mahanga. Bamwe mu baririmvyi basaba ko abagwizatunga boshira imitahe mu muziki, maze bo n’abaririmvyi batungwe n’akazi kabo.

Umviriza "Nzoza" rumwe mu ndirimbo ziwe ziri kw’isoko mu Bugande


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.