IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Amasanamu > Isanamu y’ururirimbo rwa Sat B n’umurwi Q Boy yasohotse

Isanamu y’ururirimbo rwa Sat B n’umurwi Q Boy yasohotse

mardi 23 Nyakanga 2014

Isanamu y’ururirimbo rw’umurwi Q Boy na Sat B ruri muzakunzwe cane yaraye isohotse. Sat B n’abo bahungu bari mu murwi "wasafi" bari biteguriye ifatwa ry’iyo sanamu.

JPEG - 5 Mo
Sat B n’umurwi Wasafi bariko baratamba "Mu Gacerere"

Isanamu y’ururirimbo "Mu gacerere" yaraye isohotse mu gihe n’ururirimbo "Mu Gacerere" ari rushasha. Kubwa Sat-B, umurwi Q Boy washatse ko yonyaruka kandi nawe nyene arashima kubera "Mu Gacerere" yarakunzwe cane. Abenshi bayibuka mu biteramo vya Primusic, aho yatambwa cane n’abantu bagahimbarwa.

Umuhinyanyuzi ni Black Arthur, amajwi nayo yakorewe muri African Sound Records, inzu y’ubuhinyanyuzi ifitaniye amasezerano na Sat-B.

Tubibutse ko Sat b afise igiteramo kw’igenekerezo rya O5 Gitugutu kuri "Musée Vivant", ikindi twobamenyesha n’uko isanamu y’ururirimbo "Satura Amabafle" iriko irahera gukorwa.

Aha munsi ku rupapuro ntangazigiteramo murabona uko igiteramo kizoba kimeze n’abagitumiwemwo

Raba aha munsi isanamu y’ururirimbo "Mu Gacerere"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.