IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi arakenguruka Ndadaye akanegura abasigaye baramucira ubunywenywe (...)

Mkombozi arakenguruka Ndadaye akanegura abasigaye baramucira ubunywenywe umugambwe

mercredi 22 Gitugutu 2014

Mkombozi arakwirikiranira hafi ibikorwa vya poritike nk’uko biboneka ku ciyumviro yashikirije igihe Uburundi bwibuka imyaka 21 iheze umukuru w’igihugu NDADAYE Melchior agandaguwe.

Mkombozi yacishije iciyumviro ciwe ku murongo wiwe wa Facebook, yanditse uku gukwirikira:"Ufise umutwe wiyumvira ivyiza n’umutima wipfuza ivyiza n’uwukubonye rimwe atarakuzi, akubonamwo ubutwari n’amahoro. Nyakubahwa Melchior Ndadaye ari mu barundi bake bashoboye gusa mu maso n’ibiri mu mutima no mu mutwe wabo. Ndadaye ntiyigeze azana Frodebu zibiri ariko sinibaza aba bayigabuye iyo babikuye kuko Ndadaye, yipfuza kugaburira ivyiyumviro n’imigambi abarundi, ntiyigenze yipfuza kugabura abarundi aba bitwe nyakuri (umurundi atari nyakuri yavukiye he? Na nyakuri arangwa n’iki ico abandi badafise?) Abandi bitwe iragi rya Ndadaye (Ndadaye yarazi neza ko abarundi tutari abiwe turi ab’Uburundi, ariko ari mu bahezagiwe n’abahawe ivyo abarundi benshi twaritubuze, ariko kandi ntibisigura kuba iragi rya Ndadaye.

Si ukuba uri mu mugambwe witazira iryo zina, Oyaaah namba kuba uri iragi rya Ndadaye ica mbere ni ukuba uzi ivyaranga Ndadaye ivyo yaharanira kandi ube ubikunda, uvyemera kandi wemera ko wopfa ubizira uzoba uja mw’Ijuru kandi uzopfana umunezero ntangere. Wishe navyo bisigura ko naho woba uva mumugambwe UPRONA, CNDD_FDD, UPD, MSD.....Nokwita ko uri iragi rya Ndadaye kuko ivyo yipfuje atashitseko kuko yagiye kare, waripfuje kubibandanyirizako) nasanze UBUTUNZI BURI MUKUZIMU SI NGAHA KW’ISI .Hasta la victoria siempre".


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.