Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi arindiriye kwerekwa n’Imana umukunzi mushasha
 Mkombozi arindiriye kwerekwa n’Imana umukunzi mushasha
  Mkombozi arindiriye kwerekwa n’Imana umukunzi mushasha
				
				jeudi 14 Ntwarante 2013
Umuririnvyi Mkombozi haraciye iminsi ahebanye n’uwahoze ari umukunzi wiwe, twaramwegereye turamubaza niba atawundi mukunzi yoba araronka; atubwirako umuntu aronka uwo ashaka. Kubwiwe ngo ivyo ntavyo yiyumvira kuko ubu yibereye mu gitabo yandika indirimbo.
Akomeza avuga ko agiye kwitonda,ngo  ntakwihutira ivyabakunzi kuko ivyo yabonye kuri Sharff biruta cane ivyo yize ngo kuko ubu arafise dogitora y’ubuzima bwo mw’isite.
Ubu rero Mkombozi avugako ivyo yitayeho ari indirimbo yiwe shasha ariko akorera kwa Amri Pro iyo nayo ikazoba yagiye ahagaragara mu kwezi kwa kane, ikazoba yitwa “ Umubanyi siwe mu ryango”.
Ivy’ urukundo ntavyo yitayeho cane ngo kuko azwi nkumuririmvyi atazwi nk’uwukundana, ngo ntiyobona umwanya wo kurondera ibintu vyumvirizwa n’abarundi imiriyoni umunani mbere n’abahandi hirya no hino hama ngo umukobwa umwe abe ariwe umutesha umwanya wo gukorera abo.
Avuga kandi ko niyongera kumva ashaka gukunda azokunda uwo azerekwa n’Imana kugirango atazomugira nka Sharff yari yarahinduriye izina akamwita Mkombozine canke ngo asange yarirukanye umugore aguguna igufa hama akazana uwurimirira aho.
Mkombozi amenyesha ko azokwama ibihe vyose ari “Hasta la Victoria simple” bisobanurwa ko ivyiwe bizokwama bishikana kunstinzi kandi bigakundwa n’abakunzi biwe .
Joel Sengurebe

Messages
15 Ntwarante 2013, 08:23, par coco
mani ico ciyumviro nico pee nanje uwanje ngira muhebe nsenge
18 Ruhuhuma 2014, 17:36, par jophen i
Ubuyobamaze umukunzi wumutima?
28 Ntwarante 2015, 20:31, par Mkombozi fan
Non mkombozi yoba yerekwa kugira IMANA izomwerek uwomukunzi? namba aterekwa bizo murusha.cank asenga kwa zebia
1er Ntwarante 2016, 12:10, par Patrick
Naririmbe Asenga Kandi Yizere Imana Izomumwereka Kuko Imana Iguha Ico Uyisavye