Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi na Mkombozine bavanye burundu
 Mkombozi na Mkombozine bavanye burundu
 Mkombozi na Mkombozine bavanye burundu
				
				mardi 26 Ruhuhuma 2013
Mbonimpa Shariff bari basigaye batazira Mukombozine biturutse ko ari umukunzi pfampfe w’umuririmvyi Mokombozi, yasubiye kwizina ryiwe rya kera kuko Mokombozi yashizeko akaburungo ko guheza ku rukundo bari bafitaniye. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryuwa 22 Ruhuhuma 2013 nkuko uwo muririmvyi yabimenyesheje.
Icatumye Mukombozi ahagarika urukondo bari bafitaniye na Shariff ni uko uwo mwigeme yagiye mu giteramo co mw’ijoro kandi Mukombozi yari yarabimwihanije. Ico giteramo cari cabereye mu kirabo co mu Kamenge citwa “Iwabo w’abasigaye”.
Ariko umuntu avyihweje yokwibaza nimba  Mukombozi atari yashatse kera kumuheba abura iyo abihera kuko kuva Shariff avyumvise yaciye amusaba ikigorwe yicishije bugufi mugabo Mukombozi aranka kumubabarira. Mbega ico coba ikintu cotuma uheba umukunzi wawe pfampfe?
Umukobwa we avuga ko Mukombozi yoba yamuhoye iyindi mvo atari iyo yokuja mu giteramo kuko atigeze “amuvanga” n’abandi. Shariff arongera akamenyeshako yahora amenyako Mukombozi “yamuvanze” ariko akabirengera, akamubabarira kubera amukunda cane. Uwahoze atazirwa Mukombozine amenyesha kandi ko yababajwe cane no kwumvako Mukombozi yavuze ko ari “imaraya”. Vyongeye, ngo si iryambere abivuga kandi kenshi barahatswe kubipfa.
Bayamaze bati:” aho rwaciye ntihaca urwanko”, vyoba biheze hagati yabo koko?
Kazoza kazobitubwira.
Joel sengurebe


Messages
26 Ruhuhuma 2013, 15:31, par BUKURU Emery
Nuko mukomeze kubandanya mutwandikira amakuru yomugihugu cacu nkatwe turi mumahanga tuyabonye turanezerwa mukomeze Imana ibahe umugisha.
9 Ndamukiza 2015, 15:10, par diegokiduri
baragway
2 Ruheshi 2015, 21:28, par NIYONKURU JOSUE
ICO SICO YOCA AMUHORA AHUBWO NAMUTEGE UBUGIRA KABIRI
3 Ruheshi 2015, 20:32, par NIYONKURU JOSUE
Jewe Iciyumvir Canje Nuko Mukombozi Na Shariff Yomwihanganira Kandi Amenyeko Atazibana Zidakomany’ Amahembe Nyimba vyari Bibaye Ubwambere Kandi yaRi yaRamubujije Namwi Mwihamganire Bakundane.None Aho Yari Mugiteramo Iwabo Wabasigaye Yamubonanye Numuhungu ?Ko Shariff Uvuga Koya Muhoye Ko Asambana Yaramufashe?Canke Mukombozi Ariko Iriga Gukunda?Thank You
16 Ruheshi 2015, 20:32, par NDAYONGEJE
AHUBWO MURASUBIRANA KUKO NAKARE MWARI MUBERANYE KANDI MUKUNDANYE
16 Mukakaro 2015, 21:50, par emery tuyisenge
ico nohanura mukombozi namukombozi nukobokwicarana bayaga kuko sinumva ko icokocobaterenya
29 Nyakanga 2015, 16:13, par Christian
Nivyaba Arivyo Mutere Bif Kuko Ugumwe Umwiruka Inyuma Yohava Yibazako Ariwe Uziwenyene
29 Nyakanga 2015, 16:14, par Christian
Nivyaba Arivyo Mutere Bif Kuko Ugumwe Umwiruka Inyuma Yohava Yibazako Ariwe Uziwenyene
5 Kigarama 2015, 20:45, par Dieudonne
Uwugomba Kukurya Ntabura Imboga Agukoza!Ntakosa Narimwe Uwukunda Vyukuri Yokora Ntumubabarire.Icitwazo Nkico Nicabanyabinyoma Baburaniwe!
7 Kigarama 2015, 19:54, par IRANZI Siméon
Mukombozi numunyamanyanga murukundo
23 Kigarama 2015, 20:03, par Ngendakumana Léonce
Haha!Reka Tubirindire.Bakobwa Ni Mumenye Amahani Mwahanye Nabo Mukundana Kuko Abahungu Turi Bake.
23 Kigarama 2015, 20:04, par Ngendakumana Léonce
Haha!Reka Tubirindire.Bakobwa Ni Mumenye Amahani Mwahanye Nabo Mukundana Kuko Abahungu Turi Bake.
12 Nzero 2016, 21:20, par nkurunziza eric
none vyob vyavuy kuki ?kugir mkomboz yank uwo mukobw
23 Ruhuhuma 2016, 22:02, par Nayisenga Vandeur
Ico Niyunvira Ico Sico Bopfa Kuko Urukundo Ruragoye
8 Ntwarante 2016, 10:26, par Niyomwungere
Non Mukombozi Bafuye Iki? Biragoye Kumenye Ahubwo Mukombozi Yari Yagomvye Kumuheba
15 Ntwarante 2016, 09:14, par hatangimana jeremie
NIBASUBIRANE
3 Ndamukiza 2016, 16:22, par Nsengiyumva Jean Marie
Nibazako Hariho Ikindi Bapfa Kuko Ntiyomuhora Ivyo Kuko Nawe Arakunda
9 Ndamukiza 2016, 23:36, par Nibogora Pascal
Shariff Niwihangane Rekana Na mukombozi Ntuzobura Umugabo Nakare Warimwiza Naje Nagukunze Urazakwitwarire Abandi Bararonka Bagahusha Imari Urumukobwa Mwiza Pee!!!
10 Ruheshi 2016, 08:13, par Rubin Rutana
Mukombozi Yarikumubabarira Nimba Yaramukunda%
27 Ruheshi 2016, 17:00, par Jay Peace
Mukombozi Arikwarigagukunda Kuko Ico Sico Yohora Uwobakundany Nubwo Avugako ari Umusambanyi None Siweyamusambanya? Ahubwoniwe Musambanyi Kuko Mukombozine Avugako Yarasanzwe Aziko Amuvanga Gusa Akavyirengagiza Kuko Amukunda, Uworero Niwe Azigukunda. Nanj Noronka Umukunzi Nka Mukombozine Kandimwizankaw Nomutonesha Ico Nohanura Thomas Nuko Yosubira Kumukunda Kuko Agashitsi Kakera Kaziganya Umuriro Kandi Ngo Ntazibanazidakomana Amahembe
22 Mukakaro 2016, 08:48, par CHISTANBELLA
nukuriyamuhoyeubusakandi yariyamusavyeikigongwe mbegahoyaramukunda? kandiyariyashatsekumuheba kukoiyosimvoyotumaamuheba mbegakugiraamwiteimaraya yaramazekumufata?
5 Myandagaro 2016, 07:10, par NAHAYO
AHUBWO ARASARA!
5 Myandagaro 2016, 07:11, par NAHAYO
AHUBWO ARASARA!
3 Munyonyo 2016, 15:02, par Samuel NTIRAMPEBA
Shakakuyironka
18 Kigarama 2016, 22:05, par Ndikuriyo Elic
Kirazira Gukunda Imaraya. Kuba Waramuhevye Niw Uzi Ico Wamuhebeye.Wase Gupfa Ubona. Ntagukunda Imaraya Utari Imaraya.Iyo Yase Kwumva. Itegeko Naronderere Ahandi. Umuntu Akunda Wagomvye.
29 Kigarama 2016, 17:56, par MUKEWAMUKOMBOZI
MOKOMBOZI
3 Ntwarante 2017, 02:39, par nduwimana desire
kuvyukur nyene ahoyaciy ntihacurwanko ukobir kwose bazosubirana
4 Ntwarante 2017, 10:48, par Christophe
Jewe Vrement Icombona Mukombozi Ntiyoheba Uwo Mukobwa Kuko Yoba Amurenganije
4 Ntwarante 2017, 12:53, par Christophe
Mkombozi Yari Kumubabarira Kuk Yamusavye Imbabaz Kandi Rikaba Ryari Iryamber, Nimba Bari Bakundany%kwari Ryamber Yomubabarir Amuteger Irigir 2
24 Ntwarante 2017, 01:30, par Lil b
Ham Vraiment Ikint Bapfuy Kiragoy Gutahur Kwel Bene Nib Baz Icatumy Bavana Ikind Novuga Nuk Mukomboz Atoshobor Kwitwaz Ngo Nuk Uwahoz Ar Umu Chr Wiw Yagiy Mukiror Ahubw Yarasanzw Afis Integur Yo Kumuheb