Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Sat-B yiyemeje guha abakunzi biwe ibintu bishasha
Sat-B yiyemeje guha abakunzi biwe ibintu bishasha
vendredi 8 Ruhuhuma 2013
Bizimana Aboubakar ni umuririvyi w’umurundi yavukiye i Bujumura 1989 akaba azwi kwizina rya Sat-b satelite y’i Burundi.
Uwo muririmvyi aherutse kuva mugihugu c’Ubuganda nkuko twabibamenyesheje mumisi iheze akaba atumenyesha ko arimugusubira inyuma kuko yari yaje guhimbanza umusi mukuru wa saint valentin nabakunzi biwe, ace asubirinyuma kubandanya asohora indirimbo ziri murukurikirane rushasha ( nouvel album).
Yatumenyesheje ko yatashe atuzaniye agakemanyi kuturirimbo tubiri muri zitanu amaze gusohora murukurikirane ariko arakora.
Sat-b yarabandanije atubwira ko yaririmvye indirimbo ahoza abarundi cane cane abadadanza baburiye ivyabo mwisoko rya Bujumbura nayo akaba yayise « ihorere Burundi » yasohorewe kwa Washington.
Twararamubajije kwatakintu yoba ateguriye abakunzi biwe atubwirako atagiteramo ariko arategura vuba kuko ariko akora indirimbo ziri murukurikirane ruzosohoka vuba , no kumusi wa saint valentin azoja ahazoba hateguwe nabandi.
Tumubajije akajambo yobwira abakunzi biwe yatubwiyeko aje ari mushasha azanye bishasha kandi kwari uwagaciro
Alice-Anny Akingabiye
Messages
10 Nyakanga 2016, 18:24, par NZOYISENGA DESIRE
BANDANYA MWENEWA AHUBWO UZOTWIBUKE NATWD.