IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rihanna > Umunezero hagati ya Christiano Ronaldo na Rihanna i Lisbonne wari (...)

Umunezero hagati ya Christiano Ronaldo na Rihanna i Lisbonne wari ntangere

mercredi 29 Rusama 2013

Igihe Rihanna yaca i Lisbonne, yarashoboye kwakirwa n’umunezero ntangere na Cristiano Ronaldo asanzwe ari umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru. Uyo munyaportugale akaba yari yipfuje kuramutsa Rihanna.

Barashoboye kumarana akanya atari gato, ndetse baciye bifotoza barikumwe bafatanye, hanyuma baca babandanya baryoherwa.
Inyuma yaho rero Rihanna ntiyavyoroheje kuko asanzwe ndetse akunda n’ukwerekana ibintu bishasha gusa.

Nk’uko abakunzi biwe babivuga, Rihanna yarahinduye umuziki wiwe kuko ubu ibintu vyose kuri we ari bishasha gusa.

Muri Portugal rero kuri uyu wa 28 Rusama 2013, yaje atari Riri bamenyereye kuko bavuga ko yaje umugongo wiwe waka urubeya, ameze neza, ndetse abantu batandukanye bumva bohaguruka bakaja kumukorako.

Na Riri rero yarashoboye kubona umunezero w’abakunzi biwe kuko mu ntambo ziwe uyo munsi habonekamwo umunezero mu kuzunguruka canke mu gutambisha ibitugu.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.