IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bamwe muba "Stars" bo mu Burundi barahiye ko batarota basiba mu giteramo ca (...)

Bamwe muba "Stars" bo mu Burundi barahiye ko batarota basiba mu giteramo ca Spok’s

mercredi 8 novembre 2017

Ibitari bike biramaze guhinduka mu ntumbero yo kuryohora igitera co gushira ahabona Album ya mbere ya Spok’s yise "Ndakumbuye Iwacu". Spok’s yabwiye IGIHE ko ihinduka ririko riboneka mu nteguro y’urubanza nyamukuru afise ari mu ntumbero yo kuryohora urubanza. Arongera akavuga ko abo bose bamaze gutangaza ko bazoba bari mu giteramo ari inzira nziza yo gushigikirana.

Spok’s, "Agakuku","Siko nabisanze",canke "Ndakumbuye iwacu"avuga ko hamwe Abarundi boza barakunda ivyakozwe n’Abarundi vyofasha mw’itera mbere ry’abanyamwuga.

Abatari bake bamaze gutangaza ko bazoba bari mu giteramo. Ku ruhande rw’abaririmvyi : Peace&Love, Lolilo, Fizzo, Swagga Team, abo hamwe n’abandi biyongera ku bari ku rupapuro rutangaza igiteramo(Affiches). Ku ruhande rw’abamenyeshamakuru : Ami Pro na Christian Nsavye( bazoba ari n’aba MC), Alain Nova,Singa, Kivodo, n’abandi. Ku ruhande rw’aba Djs, hamaze kumenyekana DJ H Promoter.

Spok’s aramenyesha abakunzibiwe n’abakunzi b’umuziki ndundi ko yabateguriye akantu kumutse, eka ntawuzokwidogera inyota, canke inzara kuko hazoba hari ivyokunywa no kurya.

Aho ni kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo umwaka w’i 2017. Ikibanza ni kuri Star Hotel. Aho niho Spok’s azobicira bigacika mu gushira ahabona urukurikirane rwiwe rwa mbere "Ndakumbuye Iwacu"


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.