IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Legend7 arajwe ishinga n’iterambere ry’umuziki w’Uburundi

Umuririmvyi Legend7 arajwe ishinga n’iterambere ry’umuziki w’Uburundi

jeudi 8 mars 2018

Ku mazina yiwe y’abavyeyi,NGENDAKUMANA Dieudonne azwi kw’izina ry’uburirimvyi Legend7, yavutse kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro 1989, ku musozi Munanira,Komine Rutegama, mu ntara ya Muramvya.

Legend7,yabaye impuzi mu gihugu ca Tanzaniya kuva mu mwaka wa 1996 gushika mu mwaka wa 2004 , ari naho yatanguriye amashure y’intango ahitwa Matumaini mu mwaka wa 1997.

Inyuma yo guhunguka, yabandanirije amashure yiwe yisumbuye mu Burundi gushika araheza kaminuza y’ Uburundi, aho yaharonkeye impamyabushobozi mu gisata c’ukwigisha igifaransa mu mwaka wa 2016.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE , kur’uno wa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, Legend7 avuga ko ibikorwa vyiwe mu muziki yabitanguye igihe yiga mw’ishure ryisumbuye rya Lycee ya Kiganda, riri mu ntara ya Muramvya.

Avuga ko yatanguye asubiramwo indirimbo zaririmbwe n’abandi banyamuziki bamenyekanye bo mu Burundi,no muri Tanzaniya, aho yanezereza abamurorera abateramishije.

Mu migambi ya kazoza, umuririmvyi Legend7, amenyesha ko yimirije gusohora indirimbo yise “UMUHOZO”, inyuma y’izindi yari amaze gukora ari we nyene, canke ari kumwe n’abandi.

Mu ndirimbo amaze gukora, harimwo indirimbo yise “RUPFU”, “NAMUBONYE”, “INYEGU” ,” ADAM” n’izindi, izo nazo zikaba zikozwe ahanini mu mudiho wa wa R&B na HIP HOP.

Legend7, avuga ko mu ndirimbo ziwe atanga ubutumwa bushingiye ku rukundo, abicishije mu mvugo y’ikirundi c’abo hambere, ibituma abarundi bamwe bamwe nk’abavukiye mu gisagara ca Bujumbura bibagora gutahura ubutumwa aba ariko aratanga.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.