Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Yves KAMIKIWE yagenywe kuba umuhanuzi mu bijanye n’amategeko mw’ishirahamwe (...)
 Yves KAMIKIWE yagenywe kuba umuhanuzi mu bijanye n’amategeko mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi
 Yves KAMIKIWE yagenywe kuba umuhanuzi mu bijanye n’amategeko mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi
				
				samedi 2 juin 2018
Yves KAMIKIWE yagenywe muri ayo mabanga, inyuma y’urugendo yagize mu gihugu c’Ubuganda, aho yari yitavye ibiteramo bifatwa nk’isoko ry’umuziki, aho abaririmvyi bahura bakavuza umuziki, berekana ingabire, abahinga nabo bakaboneraho akaryo ko guhitamwo abo bokorana.
Umuririmvyi Yves KAMIKIWE, yari yagiye mu gihugu c’Ubuganda, kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 12 Rusama 2018, akemeza kandi ko yaronse akaryo ko gutumirwa mu bindi biteramo.
Yves KAMIKIWE, yaheruka kugenwa kandi nk’umuserukizi w’ishirahamwe AAPI (AFRICAN ARTISTS PEACE INITIATIVE).
MUGISHA Van Naris

Messages
4 juin 2018, 10:50, par butoyi
Yves turagukeje
19 juin 2018, 20:51, par Sylvère Niyungeko
nn twoshobora kuza turaronka indirimbo zanyu gute ?,hama turabakeje.umuziki w’uburundi bwacu maze utere imbere.hezagigwa.mrci !