IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Diamond avuga ko amahera ya mbere yakozemwo ururirimbo ari ayo (...)

Diamond avuga ko amahera ya mbere yakozemwo ururirimbo ari ayo yivye

lundi 27 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Diamond arakengurukira Imana imugejeje aho ageze ubu. Avuga ko atigeze yibaza ko azohashika. Mu mpanuro atanga, Platnumz abwira urwaruka ati : "Ntuze wigere uheba ico wiyemeje [Never give up].".

Ivyo abivuga afatiye ku buzima yavukiyemwo agakuriramwo imbere y’uko afata ingingo yo kurondera ingene yokwibeshaho, akabeshaho umuryango wiwe n’abandi benshi babayeho ku bwiwe.

Diamond avuga ko atazokwibagira umunsi wa mbere impano yo kuririmba yamubiramwo maze akabura ingene yinjira muri "Studio" ngo asohore ururirimbo. Yibuka ko yahisemwo kwiba impeta y’inzahabu ya nyina wiwe kugira arihe ururirimbo rwiwe rwa mbere. Mu nyuma yahavuye abibwira nyina yiwe, maze amusaba imbabazi.

Diamond avuga ko atazokwibagira umukobwa yaririmvye mu ruririmbo "Nikamwambie". Uwo mukobwa yamuhevye kubera ubukene bari bafise mu muryango iwabo. Uwo mukobwa amaze kubona Diamond yaronse amahera yasubiye kumubwira ko akimukunda, nawe uwundi ati : "Wampevye kubera wakunda amahera, nanje ubu nta mwanya wawe mfise." Kuri ico, Diamond ahanura ko ata muntu wo gukengera kubera utazi ejo hiwe.

Diamond abandanya avuga ko kubera yafashijwe n’abandi, nawe yarondeye uburyo bwo gufasha nawe kugira azosige umugani. Ivyo abivuga afatiye kuri studio yiwe "Wasafi" [izina ry’umurwi wiwe]. Iyo studio ikaba imaze gufasha bamwe mu bana bahoze mw’ibarabara ariko ubu bamaze kwishikana ahantu heza mu kwandika amateka mu muziki. Akarorero, n’abaririmvyi Rich Mavoko na Rivanny.

Tubamenyeshe ko ivyo tubabwiye ari ivyavuye mu nyishu Diamond yatanze igihe yari umutumire kuri BBC Afrique

Umviriza aha munsi ururirimbo Diamond yemeze ko rwamutumye amenyekana


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.