IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fally Ipupa ariteguriye gusangira Noweri n’Abarundi

Fally Ipupa ariteguriye gusangira Noweri n’Abarundi

lundi 18 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Azoremesha igiteramo (VIP) ca mbere igenekerezo rya 24 Kigarama kuri Hotel Club du Lac Tanganyika, bukeye bw’aho ku munsi wa Noweri, igiteramo kigenewe benshi kikazobera kuri EFI Nyakabiga.

Abaririmvyi Vichou Peace and Love na Natacha Ngendabanka akaba aribo bazomufasha, nk’uko vyashikirijwe n’abajejwe gutegura ivyo biteramo, abo bakabandanya bavuga ko Fally Ipupa ategekanya gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 23 Kigarama igihe c’isaha zitatu z’agatondo, ari kumwe n’abacuraranzi biwe bagera kuri 25.

JPEG - 59.6 ko
Umuririmvyi rurangiranwa Fally IPUPA

Sultan, uwujejwe umuziki wa Fally Ipupa akaba ari nawe ariko ategura ibiteramo bigiye kubera mu Burundi, amenyesha ko biteguriye neza guteramisha Abarundi mu minsi mikuru ya Noweri, akavuga ko Fally Ipupa yemeye guheba ibiteramo bindi yari afise kugira aryoherwane n’abarundi.

Ku bijanye n’ubuhinga bukunze kuba ibibazo mu biteramo, abariko bategura ivyo biteramo vya Fally Ipupa bamenyesha abakunzi b’umuziki ko vyiteguriwe cane. Sultan agira ati : "Intumbero yo kuzana Fally Ipupa mu Burundi, ni ukugira abarundi baryohegwe ku munsi mukuru wa Noweri. Ibibazo bikunze kuboneka mu biteramo twarabitoreye umuti. Ivyuma bizokora ni ibigezweho cane, tukaba dutegekanya kubipima imisi 2 imbere y’ukwo ibiteramo biba. Amasaha twateguye gukorerako azokwubahirizwa. Dushaka gukora igiteramo kitazokwibagigwa, kija ku rwego mpuzamakungu ».

JPEG - 84.6 ko
Abariko bategura igiteramo ca Fally IPUPA

Bruno Simbavimbere batazira Member, arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi (Amical des musiciens), arahimbarwa n’ibiriko biraranguka muri uwu mwaka wa 2017, aho Uburundi bwakiriye abaririmvyi mpuzamakungu batari bake. Member agira ati : « Uwu mwaka unyibutsa imyaka ya 86-87, aho twabona abaririmvyi rurangiranwa nk’umurwi Cassave wabica bigacika, Koffi Olomide akiri umuyabaga, n’abandi baririmvyi bakomeye bagendeye igihugu cacu mu myaka ya mirongo umunani. Ivyo vyerekana ko umuziki mu Burundi uriko uratera uja imbere. »

Ibiciro vyo kwinjira bikaba bitunganijwe uku gukurikira :

Igiteramo kizoba itariki 24 Kigarama cagenewe abifise (VIP) kuri Hotel Club du Lac Tanganyika, kizotangura isaha icumi na zibiri z’umugoroba, ukwinjira ni ibihumbi ijana vy’amarundi (100.000 frbu), n’ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000 Fbu) ku bashatse gufasha.

Mu giteramo co ku munsi wa Noweri igenekerezo rya 25 Kigarama cugururiwe bose, kikaba kizotangura igihe c’isaha umunani z’umutaga ku kibuga ca EFI mu Nyakabiga. Ukwinjira ni amafaranga ibihumbi bitanu y’amarundi (5000fbu), hamwe n’ibihumbi cumi na bitanu (15.000 Fbu) ku bashaka gufasha.


Pacifique BUKURU

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.