IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ikoh na Fizzo baracanyinyurana kuri "Itakuwa ngumu"

Ikoh na Fizzo baracanyinyurana kuri "Itakuwa ngumu"

mercredi 13 Nyakanga 2017

Ururirimbo rwari rumaze amezi ashika kuri ane ruriko rutegurwa rwaraye rusohotse. "Itakuwa ngumu" ni wo mutwe warwo. Muri Ikoh Multiservice bavuga ko ururirimbo rwamaze igihe kinini rutegurwa kugira rukwize ibisabwa vyose kugira rusohokane akanovera n’ihangiro ry’umugambi "U’ll Love Changes Vol2" wa Ikoh Multiservice. Eka na Franck Duniano, ari muri uwo mugambi arishimira igikorwa c’iteka yakoranye na Vichou wo muri Peace and Love".

Naho bir’uko, Franck Duniano avuga ko atashimishijwe n’ingendo ya Big Fizzo n’umuhinyanyuzi Kolly The Magic bakoresheje akajambo "Itakuwa ngumu" mu ruririmbo "Konzi". Abandanya avuga ko yaba Fizzo canke Kolly babigize nkana kuko iryo jambo barikoresheje kenshi bakiri muri Ikoh.

Tubibutse ko mu murwi kwa Fizzo biyamirije cane ivyo Ikoh ibagiriza. Bobo bakabona ko "Itakuwa ngumu" ari ijambo ry’igiswahili rishobora gukoreshwa n’uwo wese mu gihe ata mategeko abibuza.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Itakuwa ngumu", rwakozwe n’umuhinyanyuzi Amir Pro wo muri Ikoh Multservice


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.