IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Isack Nkorerimana arabandanya imyiteguro

Isack Nkorerimana arabandanya imyiteguro

vendredi 14 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Isack NKORERIMANA aririmba indirimbo z’uguhimbaza Imana, aho ari mu gihugu ca Canada, abandanya imyiteguro y’igiteramo azoremesha i Bujumbura.

Nk’uko yabibwiye ikinyamakuru IGIHE, ico giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2017 mu gisagara ca Bujumbura kuri Musée Vivant.

Isack NKORERIMANA avuga kandi ko azoba aje mu Burundi kuraba aho ibikorwa bigeze vy’inyubako yise "FONDATION NKOREHOUSE" iri muri komine Nyanza Lac, akazogirako ashira ku mugaragaro ibikorwa vy’ukurera abana bafise umwaka umwe gushika ku myaka 12 bazokurikiranwa ingene babayeho, mu ndero hamwe n’inyigisho.

JPEG - 82.2 ko
Umuririmvyi Isack NKORERIMANA

Nkorerimana Isack ni umuririmvyi akaba n’umucuraranzi yavukiye mu gihugu c’Uburundi, ariko ubu we n’umuryango wiwe bakaba baba mu gihugu ca Canada, ari naho akorera ibikorwa vyiwe vy’indirimbo z’uguhimbaza Imana, aho ubu amaze gukora Album zibiri z’indirimbo ziri mu mu midiho itandukanye. Uwo muririmvyi amenyesha ko azoshika i Bujumbura kw’igenekerezo rya 15 Rusama 2017, mu rukurikirane rw’ibikorwa vyinshi aje kurangura mu Burundi


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.