IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jadix mu ruririmbo rushasha asaba abakundana kutijajara

Jadix mu ruririmbo rushasha asaba abakundana kutijajara

mercredi 18 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’akazi gakomeye kakozwe n’umuririmvyi Jadix n’umuhinyanyuzi Masterland, hasohotse ururirimbo "Ndababara". Jadix ati : "Masterland namutoye nk’umuhinyanyuzi afise "touch" nziza kandi amaze iminsi akora ibikora inka."

Ubutumwa bw’ururirimbo bwerekeye abari mu rukundo, aho uwo muririmvyi ababwira ko batokwijajara kuko hahebana abakundana. Ivyo ni ibivugwa na Jadix inyuma yo gusohora urwo ruririmbo.

Uwo muririmvyi ariko amenyekana mu muziki w’Uburundi asaba ko uwo wese afise uruhara mw’iterambere ry’umuziki ko yokora ibishoboka vyose kugira abaririmvyi b’Uburundi batungwe n’akazi kabo. Ako kamo kandi agetera na Reta y’Uburundi.

Tubibutse ko, "Ndababara" rusohotse inyuma ya "Kisa Konzi" rwari rumaze ikiringo c’amezi abiri n’iminsi rusohotse.

Umviriza aha munsi "Ndababara" rwa Jadix


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.