IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Umuririmvyi Natacha NGENDABANKA yavuze intumbero y’urugendo aherukamwo mu (...)

Umuririmvyi Natacha NGENDABANKA yavuze intumbero y’urugendo aherukamwo mu Buganda

samedi 21 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Natacha yafashe urugendo agana mu gihugu c’Ubuganda aho yakiriwe na Sheebah Kalungi. Nk’uko bitangazwa n’uwujejwe kumenyesha amakuru kwa Natacha, intumbero nyamukuru y’urwo rugendo kwari kwagura ubucuti n’akazi hamwe no guhanahana ubumenyi hagati yabo.

Muri iyo ntumbero nyene, Sheebah na Natacha baciye bakorana ururirimbo bise "wangu".

Natacha agarutse mu Burundi yamenyesheje ko urugendo rwagenze neza, eka n’igikorwa camujanye cagenze neza. Yaciye agirako amenyesha ko ururirimbo n’isanamu yarwo bizosohokera rimwe mu ntango y’indwi igiye gutangura.

Tubamenyeshe ko Sheebah Kalungi ari umuririmvyikazi azwi cane aho mu Buganda no mu karere. Akaba azwi cane mu ndirimbo "Ntwako", "Farmers" n’izindi.

Twobibutsa ko Natacha ari mw’ihiganwa rya Isanganiro Awards n’ururirimbo "Iyamirize".


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.