IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Natacha akora iki atari kuririmba? Yatoranye gute na Frojo?Amariye iki (...)

Natacha akora iki atari kuririmba? Yatoranye gute na Frojo?Amariye iki umuryango?

jeudi 19 Ntwarante 2015

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Natacha avuga ko iruhande y’ubutunzi bw’umugabo wiwe asanzwe nawe akora urudandazwa. Mu vyo acuruza harimwo i mangazine"Shop" irimwo ibitenge, amahereni, ibirato hamwe n’ibindi abagore canke abakobwa bambara bakaberwa. Iryo duka riri aho ahasanzwe aba muri Hotel Club du Lac Tanganyika. Eka si ivyo gusa, Natacha afise "salon de coiffure" y’abagore n’abakobwa yise " Beauté Natacha". Iyo iri imbere y’urupangu yubakiye umuvyeyi nyina wiwe, kw’ibarabara bita "Avenue de la Mort" ariko Natacha wewe aryita "Avenue de l’Amour". Natacha avuga ko iyo "shop"yatanguje umutahe muto ungana hafi imiriyoni 5, ariko ko yunguka cane. Iciyumviro co kudandaza ivyambarwa vy’abagore na "salon de coiffure" n’uko yashatse kudandaza ivyo nawe akunda(gukora imishatsi no kwambara neza).

Ibindi Natacha atunze

Natacha ati:" Iyo Imana yuguruye imigisha, ntawuyugara, nza mbona ibi cadeaux bikoroka bizanywe n’umugabo wanje". Aho avuga imodoka yo mu bwoko bwa Tiguan yaguriwe n’umugabo wiwe Alfredo Frojo. Umwana wiwe Nziza Leila w’imyaka 10 afise imodoka yiwe imutwara kw’ishuri yo mu bwoko bwa Jetta.

Mbega Natacha amariye iki umuvyeyi wiwe asigaranye?

Se wiwe amaze gupfa, umuryango wa Natacha waragize ingorane cane nk’uko avyivugira. Natacha yibuka ingene umuvyeyi wiwe yabura ico afata n’ico areka kugira aronke ico atungisha abana. Abandanya yigana ko nawe, ico gihe yaciye avyara Leila afise imyaka 18, ingorane ziyongera mu zindi. Naho havuye ururirimbo"BARIGWA WUMVE". Ariko ati:" Uwuvunitse ntayoberwa gucumbagira". Natacha aca arakenyera kurondera ingene yofasha gutunga umuryango. Ati:" Aho nari maze gutangura kuririmba mu ma KARAOKE, ngira ama Playback, ariko iyo ngingo nayifashe ku bw’umugambi w’Imana".

JPEG - 129.2 ko
Natacha atahkanye agashimwe ka SICA2014 yategerewe n’umugabo wiwe Frojo

Natacha yahuye n’Umutaliyano Alfredo Frojo ryari? Gute?

Uwo muririmvyikazi avugako guhura na Frojo wari umugambi w’Imana, ati:" Twahuye ku munsi wa 3 igenekerezo rya 25 Rusama 2011." Arongera ati:" Ndawufata nk’umusni mukuru iwacu". Alfredo na Natacha bahuriye kuri Hotel Club du Lac Tanganyika, Natacha yari yatumiwe kuririmba muri Karaoke. "Ivy’Imana yakoze, twaciye dukundana, mu nyuma aca agura "Parcelle" ya mama, arahindura ibintu vyose, intebe n’ibindi vyose vyo mu nzu. Ndashima umugabo wanje atambujije umuziki, akamfasha kurengana imyaka igora urwaruka ubu ndi umugore mu rugo nk’abandi". Natacha afitaniye na Frojo umwana w’umuhungu Julio w’imyaka 3.

JPEG - 180.7 ko
Natacha n’abana biwe Julio na Leila

Mbega ivyo Natacha avuga, umuvyeyi wiwe barabihurizako?

Umuvyeyi wiwe NGENDABANKA Valerie, ati:"Natacha yamye akunda umuziki ari naco gituma yabikurikiranye, ntiyari umuguruguru ariko yarakerebutse. Ubu ntunzwe n’umuziki wiwe, niwo ungejeje aha. Ndamushimira ko yibuka ko namugoranywe. Ubu nawe akaba antunze, yabaye se rugo. Sinumva uko nomushimira."

JPEG - 152.6 ko
NGENDABANKA Valerie umuvyeyi wa Natacha NGENDABANKA

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.