Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Big Fizzo agarutse mu biteramo i Bujumbura
 Big Fizzo agarutse mu biteramo i Bujumbura
 Big Fizzo agarutse mu biteramo i Bujumbura
				
				jeudi 1er Myandagaro 2013
Kuva umuririvyi Big Fizzo asubiye mu gihugu c’Ubufaransa aho asanzwe aba mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka, aherutse kumenyesha ko kuri uyu wa gatanu Myandagaro ko azoba ari i Bujumbura aho azitabira Primusic nk’uko bimenyeshwa n’uwujejwe gukurikirana ibikorwa vyiwe.
Imvo zizoba zizanye uyo muririmvyi ntizitandukanye n’izo yagiye avuze, kuko ngo azitabira ibiteramo bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura, ndetse imbere y’ugusubira inyuma azitabira igiteramo ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic kuko avuga ko bafitaniye amasezerano, ariko kugeza ubu abajejwe ibikorwa vy’iryo higanwa bakaba ataco barabitvugako.
Mu gihe azomara mu gihugu c’Uburundi azaboneraho akanya ko gushira album yiwe ku mugaragaro nk’uko yagiye abivuze ko azogaruka kuyishikiriza abakunzi biwe, n’abarundi bose muri rusangi. Ibiteramo ariko arategura ntibiramenyekana nka neza, ariko biravurwa ko ku munsi w’irayidi azoteramisha abantu batandukanye.
Joel Sengurebe
