Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Menya vyinshi k’umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi Kook-k
 Menya vyinshi k’umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi  Kook-k
 Menya vyinshi k’umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi  Kook-k
				
				vendredi 15 Ruhuhuma 2013
Mpawenimana Juma Habibu batazira Kook-k ni umusore w’imyaka 25 ubu akaba amaze kumenyekana cane kubw’umwuga wiwe wo gukora indirimbo mu buryo bwo kwumva( Audio) n’ubwo kubona( audio-visuel) kandi akaba n’umucuraranzi w’indirimbo ziwe.
Uwo rero afise indirimbo ziwe zigera kuri 30,zimwe muri izo ni izo kwumviriza izindi ni izo amasanamu.Ikimutandukanya n’abandi ni uko we akora indirimbo zo kwumviriza n’indirimbo zibona( audio-visuel).
Si indirimbo gusa akora,arakora n’amareresi atandukanye.Aho twovuga nk’ireresi yitwa “Suzana”, “vunja mbavu”, “Eagle” Ya Lolilo eka n’izindi.
Uwo Kook-k ahinyanyura indirimbo m’umudiho uwo ariwo wose kandi abikorana ubuhinga kuko n’abacuraranzi bakomakomeye baramurondera cane.
Aho twovuga nka Lolilo mu ndirimbo yiwe nshasha yitwa “Vyemere”,nka Sat-b,nka Mkombozi nka Furious,nka Lally-joe n’abandi benshi bo hanze,nka slim Prince mu ndirimbo yiwe “Never let go”,akora na video y’indirimbo “Umunsi k’umunsi” ya Ally soudi na Rozzy bo mu Rwanda.
Afise studio yiwe yitwa Golden star entertainment iri ku Mutakura kw’ibarabara ry’icenda aho hakorerwa vyo gukora amasanamu n’amajwi,kugwiza ama CD,gutunganya amafoto,n’ibindi.
Yatubwiye ko afise intumbero yo gukomeza no guteza imbere umuziki n’amareresi vyo mu gihugu c’u Burundi,bikamenyeka k’urugero rushimishije muri Afrika y’ubuseruko,bigashika no mu mahanga ya kure.
Ngo kun mwaka ku mwaka afatamwo ukwezi kumwe akagabanya ibiciro kubaririmvyi b’indirimbo mu buryo bwo kwumva n’izibona.
Joel Sengurebe


Messages
7 Ntwarante 2017, 22:31, par YOLAM IRATWONGEYE
NASHAKA AZONKORERE INGOMA TWUNVE KO BOYIKUNDA