IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Demis Roussos yapfuye, ururirimbo rwiwe rwasubiwemwo (...)

Umuririmvyi Demis Roussos yapfuye, ururirimbo rwiwe rwasubiwemwo n’umurundikazi

lundi 26 Nzero 2015

Umutama Demis Roussos yitavye Imana azwi cane mu ruririmbo "Quand je t’aime rwasohotse mu myaka y’i 1987, ahitanywe n’indwara ya canceri yo mu rwagasha, mu mushishito no mu mahaha.

Artemios Ventouris Rousos azwi cane kw’izina rya Demis Roussos yavutse kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 1946 i Alexandrie muri Egypte, apfuye afise imyaka 68 i Athenes mu Bugiriki. Yatanguye ubuzima bwiwe nk’umuririmvyi ari mu murwi Aphrodites’s Child avuza igitari ca "base".

Mu murwi wa Aphrodites’s Child, Demis azwi cane mu ndirimbo nka

1968 : Rain and Tears - End Of The World

1969 : I Want To Live - It’s Five O’Clock

1970 : Marie Jolie - Spring Summer Winter And Fall

Azwi kandi mu ndirimbo zigera kuri 22 zakunzwe cane kuruta izindi harimwo indirimbo nka We shall dance, my Reason, Forever and ever, My Friend The Wind, n’izindi nka:

1973 : Good-Bye My Love, Good-Bye

1973 : Someday Somewhere

1974 : My Only Fascination

1974 : With You

1975 : From Souvenirs to Souvenirs

1977 : Mourir auprès de mon amour

1977 : Ainsi Soit-Il, hamwe n’ururirimbo "Quand je t’aime" rwahavuye rusubirwamwo n’umuririmvyi w’umurundikazi.

Ururirimbo "Quand je t’aime" rwasubiwemwo na Miss Nono, rwagiye ku mugaragaro kw’igenekerezo rya 29 Ndamukaza 2003.

Umviriza ururirimbo" Quand je t’aime" imbere y’uko Miss Nono arusubiramwo

Umviriza aha munsi naho uko Miss Nono yarusubiyemwo


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.