Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Kidumu mu giteramo categuwe n’ibanki BCB
 Umuririmvyi Kidumu mu giteramo categuwe n’ibanki BCB
 Umuririmvyi Kidumu mu giteramo categuwe n’ibanki BCB
				
				samedi 22 Kigarama 2012
Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Kigarama umwaka w’2012 mu nyubakwa z’inzu y’iratiro ya Musee Vivant haratunganijwe igiteramo aho umutumire nyamukuru yari umuririnvyi rurangiranwa w’umurundi Jean Pierre Nimbona benshi bazi kw’izina rya Kidumu canke Kibido Kibuganizo.
Ico giteramo catunganijwe n’ibanki BCB kikaba cari catumiwemwo abandi baririnvyi basanzwe bazwi ba hano mu Burundi aribo,Yoya,Mkombozi,Rflow n’umugwi wiwe The cousin’s hamwe rero na Rally jo arinawe aheruste gutahukana intsinzi mw’ihiganwa Primusic.
Icibonekeje kuri uwo munsi n’uko atabantu benshi bitavye ico giteramo,mbere kikaba canatanguye giteba gatoyi aho bari bateguye ko gitangura isaha cumi n’imwe z’umugoroba ariko kikaba cagiyegutangura isaha imwe z’ijoro bivanye n’ukungene abantu bari bamaze kuhashika.
Naho rero ivyo vyabaye uko abo twashoboye kuganira mubari baje kurorera ico giteramo bamenyesheje ko bahimbawe cane n’ibirori vyo kuri uyo munsi ngo kuko umuririnvyi Kidumu Kibido basanzwe bamukunda cane kandi ngo bari banamukumbuye. Eka mbere bakaba banamusavye ko yoremesha ikindi giteramo vuba ngo kuko abenshi muri bo batashe inyota yo kumubona no kumwunviriza idaheze.
Kuruhande rw’uwo muririnvyi umunezero ukaba wari wose mbere mukuwugaragaza akaba yarashoboye guha akaganuke abaririvyi babiri muri abo bari batumiwe kangana n’amafaranga ibihumbi ijana y’amarundi kuri umwe umwe, abo nabo akaba yari Yoya hamwe na Rallye Joe.
Ibanki BCB ikaba rero yatunganije ico giteramo ahanini muntumbero yo kwifuriza umwaka mwiza abanyagihugu mbere ikaba inamenyesha ko batazoca bagarukiriza aho, bazoja baratunganya n’ibindi biteramo.
kw’ifoto: Umuririmvyi Kidumu
Alexandrine Keza
