IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Pop G ageze mu Butaliyano, intumbero zibiri z’urugendo

Umuririmvyi Pop G ageze mu Butaliyano, intumbero zibiri z’urugendo

vendredi 24 Gitugutu 2014

Umuririmvyi Pop-G ageze mu gihugu c’Ubutaliyano, urugendo rutamubanye ruto ariko yashitse impundu amarembe. Urugendo rw’uwo muririmvyi muri ico gihugu rufise intumbero zibiri.

JPEG - 60.4 ko
Pop G ari mu rugendo rugana mu Butaliyano

Mu gihugu c’Ubutaliyano havuka umwigeme Irene afise umugambi wo kwubakana n’umuririmvyi Pop G w’umurundi. hari amakuru avuga ko urwo rugendo ruri mu ntumbero yo kuvugana ibijanye n’umugambi yo kwubakana. Iyo ntumbero y’urugendo ruzomara iminsi itari mike n’uko azokora amasanamu y’ururirimbo "Amarira".

JPEG - 23 ko
Pog G na Irene bazokwubakana

Pop G yaraye ashitse amahoro mu gihugu c’Ubutaliyano nk’uko tubisoma mu butmwa yaturungikiye. Arashimira abantu bose bamwipfurije urugendo gwiza, Pop G ati:" Abadusabiye ku Mana batwifuriza urugendo rwiza, turabashimiye mwese.twashitse amahoro mu gihugu c’Ubutaliyano naho urugendo rwari rurerure.(hip-hop 4life.)". Amamze gushika neza mu Butakiyano yongeye kuvuga ati:" Imana ihezagire uyu muryango wanyakiriye mu gihugu c’Ubutaliano, mumfashe gusengera ibihugu nzocamwo vyose nuyu muryango".

JPEG - 36.2 ko
Umuryango wakiriye Pop G

Mwomenya ko umuririmvyi Pop G aririmba mu mudiho wa HipHop, ari mu murwi "Wanavesi Kikosi" asangiye na Snoop G na Sat B bose baba muri Kany Empire canke Kanyosha City.

Umviriza ururirimbo "Birashika" rwa Pop G rwakunzwe na benshi


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.