IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Teacher yagiriza abahinyanyuzi kuzingamika indirimbo (...)

Umuririmvyi Teacher yagiriza abahinyanyuzi kuzingamika indirimbo ziwe

mercredi 1er Gitugutu 2014

Iterambere mu muziki ry’umuririmvyi Teacher avuga ko ryanigiwe mu menshi n’abahinyanyuzi. Uwo ngo nta kindi agiye gukora atari kurondera umuhinyanyuzi biyumvanamwo kandi ashobora gukora ivyo yipfuza.

Umuririmvyi Ndayishimiye Gabriel aririmba kw’izina rya Teacher avuga ko kugira ururirimbo rumere neza harimwo uruhara rurinini rw’umuhinyanyuzi. Uwo muririmvyi avuga ko yatanguye kuririmba mu mwaka w’2004 igihe yari mu gihugu ca Tanzaniya. Ururirimbo rwa mbere yari yateguye yitonze rwapfiriye ku muhinyanyuzi. Amaze gushika mu Burundi mu mwaka w’2008, naho nyene yagize izo ngorane. Izo ngorane yazigiranye n’inzu y’ubuhinyanyuzi "Mayibobo Record", aho ururirimbo "Tina" yatwayeyo barumukoreye uko adashaka, ahitamwo kuruheba. Uwo muririmvyi aravuga kandi n’ururirimbo yise "sms" yakoranye na Olga ariko rugasohoka uko atarushaka.

Teacher amaze kubibona uko yafashe ingingo yo kurondera umuhinyanyuzi bohuza imitima, maze akamukorera ivyo amusavye. Aho ageze, yipfuza gukorana na African Sound Records naho atarabibona neza.

Tubamenyeshe ko umuririmvyi Ndayishimiye Gabriel azwi kw’izina rya Teacher aririmba mu mudiho wa HIP HOP. Uwo mudiho avuga ko yawuhisemwo kubera uririmbamwo umuririmvyi Eminem asanzwe akunda.

Fyonda aha munsi mwumvirize ururirimbo "Wait Kidogo" Teacher yakoranye na Chany Queen.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.