Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyikazi Natacha yandikishije amateka mw’ihiganwa rya (...)
Umuririmvyikazi Natacha yandikishije amateka mw’ihiganwa rya SICA
lundi 24 Munyonyo 2014
Umuririmvyikazi Natacha yaraye asubiye gutera iteka Uburundi mw’ihiganwa rya SICA. Ururirimbo "UBURUNDI BWACU" nirwo rwatumye aronka ico kibanza ca mbere muri iryo higanwa.
- Natacha NGENDABANKA
Ururirimbo "Uburundi bwacu" rwajanywe na Natacha mw’ihiganwa rya SICA ribera mu gihugu ca Benin,rigahuza abaririmvyi baririmmba indirimbo ndangakaranga bo muri Afrika. Ururirimbo rwa Natacha rwatowe kubera ruvanze umudiho ndangakaranga n’umudiho wa none "Tradi-moderne".
Mwomenya ko Natacha yari yitavye iryo higanwa ari kumwe na Bruno Simbavimbere n’umumenyeshamakuru Alain Nova, isabukuru ryari ryatanguye kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo gushika kuri 23 uko kwezi nyene.
Ururirimbo "Uburundi Bwacu"ruhayagiza ubwiza bw’Uburundi, ivyo vyumvikanira mu majambo no mw’isanamu.
Cherif Nkeshimana
Messages
24 Munyonyo 2014, 14:22, par R G
Nakomerezaho Igihugu Gikeneye Benabo
24 Munyonyo 2014, 23:54, par Nuwera
Egovyukuri igihugu gikeneye abafisivyiyumviro bimezenkibiri mwakakaririmbo. Hanyuma harihakantu nshaka kubibariza, mbegaburya biraborohera kwegeranya abantubomubwoko bumwe ugakwiza umurwinkuyu jewenibazakobitoroshe nimiburiburi kwegeranya abahutugusa vyokworoha kunamwemuravyumvanyene ko abahutu arihafi ya 85% igitumambajije ikibazonkiki nuko ababaririvyi mbonyemengo nabatutsigusa hafi % nkibazukuntuvyagenze kugirababe arabatutsi gusaaaaaa!!!!!!!! Arikondabakunda kandumuntu aremerewekwigirira umurwi wabomumuryangogusa ivyontanumutekono vyohungabanya kandintaniterambere ruigihugu vyosubiza inyuma.