Kuva mu ntango z’umwaka w’i 2015 yasavye ko bomwita SOGOTOLO, uwo si uwundi ni Steven Sogo agira akwize amezi 4 ari mu rukurikirane rw’ibiteramo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Guhera kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014, Steven Sogo yasavye abakunzi ko bohora bamwita SOGOTOLO. Ico gihe nyene yaragirishije ibiteramo ahitwa kw’Isango Bar no kuri Tempete imbere y’uko afata urugendo rwo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuva ico gihe, Sogotolo n’abandi baririmvyi bari kumwe mu mugambi "Nile (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru
Inkuru
-
Bimwe mu biteramo Steven Sogo amaze kugirisha muri Amerika : Amafoto
30 Ntwarante 2015 -
Steven Sogo muri Amerika ati:"ivyo ndimwo ni indoto zo mu rukurikirane"Mbali sana"
27 Ruhuhuma 2015Steven Sogo amaze amezi atari make ari muri Reta Zunze Ubumwe z’ Amerika mu ngendo z’urukurkirane rw’ibiteramo vyo mu mugambi wa "Nile Project"uhuza abaririmvyi b’ibihugu bicamwo uruzi NILE, abona ko ari indoto zabaye ukuri nk’uko biri mu rukurikirane "Mbali Sana".
Steven yagiye ahejeje urukurikirane yise "Mbali sana". Avugako mu gutora uwo mutwe w’urukurikirane yaravye iyo yavuye(Yibuka aho yaba mu Kamenge), akabona ko yavuye kure cane"Mbali sana". Sogo avuga ko yarafise indoto zo kuja kure (...) -
Steven Sogo agiye kumara umwanya munini atari mu Burundi
7 Munyonyo 2014Steven Sogo asigaje iminsi mikeyi kugira afate urugendo rumushikana mu gihugu ca Egypte. Sogo azoba ajanywe no kugira imyiteguro y’urukurikirane rw’ibiteramo bizobera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Bitegekanijwe ko Steven Sogo azofata urugendo rumushikana mu gihugu ca Egypte kuri uwo wa mbere igenekerezo rya 10 Munyonyo. N’aho biri uko, uruhusha (visa) ntiziratungana ariko ico azi neza n’uko atazosiba. Nk’uko akunzwe gutumirwa muri Egypte mw’isabukuru rihuza abaririmvyi bava mu bihugu (...) -
Sogo yakoze ururirimbo mpimbazamana bitari bimenyerewe
15 Myandagaro 2014Iminsi irahaciye abakunzi b’umuririmvyi Steven Sogo batamubona cane mu kibuga c’umuziki, ariko ntaho yagiye ari mu kazi kenshi ko gutegura urukurikirane ruzosohoka vuba. Ariko ategura n’ingendo zo mu mahanga yimirije kugira mu mezi ari imbere y’uno mwaka.
Steven Sogo abwira abakunzi biwe ko ataho yagiye, yabwiye ikinyamakuru IGIHE ati :" Ntaho nagiye kuko ntacoza kimbuza gukora umuziki, maze iminsi nzinduka nka gorobeza muri Studio ntegura urukurikirane rwanje nshaka ko ruzosohoka muri (...) -
Isabukuru The Nil Project yabaye ntibagirwa mu buzima bwa Sogo
18 Ntwarante 2014Umuririmvyi Steven Sogo aho yaheruka mw’isabuku ryahuza ibihugu bihurira ku ruzi Nile, yarahakuye ubumenyi butari, eka yarahungukiye vyinshi avugako atari bwaronke kuva yakagenda mu makungu haba mu masabukuru canke mu biteramo, yamazeyo amazi 2.
Inyuma yo kugaruka i Burundi kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante avuye guserukira Uburundi mw’isabukuru The Nil Project ryahuza ibihugu bihurira ku ruzi Nil, Sogo yarahakuye ibitari bike.
None vyagenze gute? Isabukuru ryitiriwe uruzi Nil "The Nil (...) -
The Nil Project ntizobera mu Burundi
21 Ruhuhuma 2014Umuririmvyi Steven Sogo amaze iminsi ari mu rugendo mu bihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko bisangiye uruzi Nil. Muri urwo rugendo yagiye aserukira uburundi kwifadikanya n’abandi baririmvyi bo mu bihugu 7 uruzi Nil rucamwo, mu kwugurura ibikorwa vy’ishirahamwe The Nil Project.
Ibihugu 7 bisangiye uruzi Nil rufise isoko muri komine Rutovu, mu ntara ya Bururi, vyaragiye hamwe bigira ishirahamwe ndangakaranga rusangi bihuriyeko, nk’ibicurarangisho n’ibindi. Steven Sogo yitavye urugendo rwo kwugurura (...) -
Steven Sogo na Hope Street baraye baganutse bava muri Cameroun
5 Munyonyo 2013Umuririmvyi Steven Sogo kumwe n’umurwi wiwe “Hope Street” baraye baganutse bava mu gihugu ca Cameroun. Aho bari bagiye mw’isabukuru ryitwa “Le Koratier”. Iryo sabukuru rikaba ryabaye ngirakamaro cane kuri uwo muririmvyi ndetse no ku gihugu c’Uburundi kuko cari giserukiwe.
Mw’isabukuru “Le Koratier” rihuza abaririmvyi n’abakora mu vy’umuziki muri Afrika ry’uyu mwaka, Steven Sogo n’umurwi wiwe “Hope Street” nibo barundi bari baryitavye. Kuri uyu wa mbere, niho baganuka bava i Yaoundé muri Cameroun. Iryo (...) -
Steven Sogo yitavye isabukuru Le Koratier muri Cameroun
29 Gitugutu 2013Umuririmvyi Steven Sogo hamwe n’umurwi wiwe “Hope Street” baraye bafashe indege berekeza igihugu ca Cameroun aho bagiye mw’isabukuru Le Koratier 2013. Iryo sabukuru rikaba rishimikira ku kuntu hotezwa imbere isoko ry’umuziki w’abanyafrika. Sogo na Hope Street bakaba bafashe indege ibarerura mw’ijoro ry’uyu wa mbere.
Steven Sogo na “Hope Street” umurwi wiwe barafashe indege mw’ijoro ry’uyu wa mbere. Mu mwanya w’isaha 4 z’ijoro, ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura, niho uwo muririmvyi kumwe (...) -
Ururirimbo "Agapiripiri" rwa Steven Sogo rwabujijwe guca kuri RTNB
2 Gitugutu 2013Indirimbo “Agapiripiri” ya Steven Sogo yahagaritswe kw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu (Radio Télévision Nationale du Burundi). Ivyo bikaba biri uko no ku maradiyo amwe amwe. Imvo zabiteye ni amashusho y’iyo ndirimbo bavuga ko ari iy’ibiterasoni. Ariko abantu benshi bakaba batabibona uko, ndetse bakibaza ko hoba hariho izindi mvo zitazwi ziri inyuma y’ico gihano kuri iyo ndirimbo.
Nk’uko Steven Sogo yaraye abiganiririye IGIHE, iradiyo n’imboneshakure y’Uburundi nivyo vyamumenyesheje ko inzego zo (...) -
Steven Sogo: Ururirimbo rushasha « Ndirimbe Urwanda »
5 Nyakanga 2013Mu makuru aheruka umuririmvyi Steven Sogo yari yatanganje ko ariko arategura indirimbo irata ivyiza vy’Urwanda. Akakiririmba nk’igihugu kibanyi c’Uburundi kinafashanya bafashanya muri vyinshi n’Uburundi. Urwo ruririmbo rukaba rw’itwa «Ndirimbe Urwanda».
Steven Sogo yatubariyeko imvo zamuteye gukora iyo ndirimbo ari uko akunda igihugu c’Urwanda. Kandi yanabisabwe n’umugenzi wiwe arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Rwanda (Amicale des Musiciens) yitwa Jean Pierre. Ndetse uyu akaba ari nawe (...)