IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Sogo yakoze ururirimbo mpimbazamana bitari bimenyerewe

Sogo yakoze ururirimbo mpimbazamana bitari bimenyerewe

vendredi 15 Myandagaro 2014

Iminsi irahaciye abakunzi b’umuririmvyi Steven Sogo batamubona cane mu kibuga c’umuziki, ariko ntaho yagiye ari mu kazi kenshi ko gutegura urukurikirane ruzosohoka vuba. Ariko ategura n’ingendo zo mu mahanga yimirije kugira mu mezi ari imbere y’uno mwaka.

Steven Sogo abwira abakunzi biwe ko ataho yagiye, yabwiye ikinyamakuru IGIHE ati :" Ntaho nagiye kuko ntacoza kimbuza gukora umuziki, maze iminsi nzinduka nka gorobeza muri Studio ntegura urukurikirane rwanje nshaka ko ruzosohoka muri Munyonyo. Si ivyo gusa, mfise n’ingendo zibiri rumwe mu mpera z’umwaka muri Egypte, urundi nshobora gufata ni urwo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo vyose bituma ntaboneka cane".

Urwo rukurikirane ariko arategura rugize urwa kane rw’uwo muririmvyi rukaba rugizwe n’indirimbo 12. Rufise izina "Mbali sana", rumwe mu ndirimbo zirugize. Urukurikirane rurimwo ururirimbo mpimbazamana kandi bitari bimenyerewe mu ndirimbo ziwe. Sogo abisigura ati :" Ndavye iyo Imana yankuye niyo ndiko ndaja mbona hose ari kure".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.