IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Steven Sogo agiye kumara umwanya munini atari mu Burundi

Steven Sogo agiye kumara umwanya munini atari mu Burundi

vendredi 7 Munyonyo 2014

Steven Sogo asigaje iminsi mikeyi kugira afate urugendo rumushikana mu gihugu ca Egypte. Sogo azoba ajanywe no kugira imyiteguro y’urukurikirane rw’ibiteramo bizobera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Bitegekanijwe ko Steven Sogo azofata urugendo rumushikana mu gihugu ca Egypte kuri uwo wa mbere igenekerezo rya 10 Munyonyo. N’aho biri uko, uruhusha (visa) ntiziratungana ariko ico azi neza n’uko atazosiba. Nk’uko akunzwe gutumirwa muri Egypte mw’isabukuru rihuza abaririmvyi bava mu bihugu bihurira ku ruzi Nil (Nil Project), muri urwo rugendo sico kizoba kimujanye. Ahubwo Steven Sogo azoba ajanywe no guhura n’abaririmvyi bahuriye muri Nile Project iheruka, maze bategurire hamwe urukurikirane rw’ibiteramo (Tournées) bazogira mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika. Amakuru duhabwa na Sogo amenyesha ko muri Egypte bazohamara indwi zibiri, muri Amerika naho bashobora kuzohamara amezi ane (4mois).

Ku kibazo caho azosohorera urukurikirane rwa kane yise "Mbali sana" narirya yari yamenyesheje ko rushobora gusohoka igenekerezo rya 26 Kigarama, Sogo arafise amakenga. Nk’uko abivuga, amakenga afise n’uko ashobora kuzoba atari mu Burundi kandi hari na zimwe mu ndirimbo zitarahera gukorwa neza. Azoheza rero amenyeshe aho azoshirira ahabona urwo rukurikirane n’uko azorusohora. Ashobora kurusohora mu giteramo, canke mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Biwelewele" rwatowe mu zindi zose zari mw’isabukuru Nile Project hanyuma bose bagaca barusubiramwo.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.