IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Steven Sogo yitavye isabukuru Le Koratier muri Cameroun

Steven Sogo yitavye isabukuru Le Koratier muri Cameroun

mardi 29 Gitugutu 2013

Umuririmvyi Steven Sogo hamwe n’umurwi wiwe “Hope Street” baraye bafashe indege berekeza igihugu ca Cameroun aho bagiye mw’isabukuru Le Koratier 2013. Iryo sabukuru rikaba rishimikira ku kuntu hotezwa imbere isoko ry’umuziki w’abanyafrika. Sogo na Hope Street bakaba bafashe indege ibarerura mw’ijoro ry’uyu wa mbere.

JPEG - 113.4 ko
Steven Sogo n’umurwi Hope Street (isanamu yafashwe na Teddy Mazina)

Steven Sogo na “Hope Street” umurwi wiwe barafashe indege mw’ijoro ry’uyu wa mbere. Mu mwanya w’isaha 4 z’ijoro, ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura, niho uwo muririmvyi kumwe n‘umurwi wiwe bafata iyo ndege. Bakaba bagiye bagana igisagara ca Yaoundé, umurwa mukuru w’igihugu ca Cameroun. Aho muri ico gisagara bitavye isabukuru ry’umuziki wo muri Afrika ryitwa “Le Koratier”. Iryo sabukuru rkaba rishimikira ku kubaho kwisoko ry’umuziki w’abaririmvyi n’imrwi y’abaririmvyi bo muri Afrika. Steven Sogo n’uwo murwi wiwe “Hope Street” bari bamaze iminsi mu myiteguro kugira bazokwerekane umuziki utomoye kandi uryohoye.

JPEG - 53.6 ko
Steven Sogo mu myiteguro yo kwitaba isabukuru Le Koratier

Iryo sabukuru ry’umuziki wo muri Afrika rizwi kw’izina rya “Le Koratier” rikazotangura kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Gitugutu gushika itarike 2 Munyonyo 2013. Rizobera mu gisagara ca Yaoundé, umurwa mukuru w’igihugu ca Cameroun. Ku rutonde rw’ibikorwa bizobera muri iryo sabukuru, hitezwe ko hazoba igiteramo kizoremeshwa n’abaririmvyi hamwe n’imirwi y’abaririmvyi batumiwe. Hazoba n’amanama ku vyerekeye uko umuziki wo muri Afrika wodandazwa ku buhinga ngurukanabumenyi. Hazoba n’ihayanishwa ry’umuziki.

Iryo sabukuru “Le Koratier” ryatanguye mu mwaka w’1999 mu gihugu ca Cameroun. Ryatanguriye mu gisagara ca Douala. Gushika mu mwaka uheze w’2012 ryabera muri ico gisagara, ariko uyu mwaka rikaba rigiye kubera i Yaoundé ku murwa mukuru wa Cameroun. Mwomenya kandi ko mu mwaka uheze, Alfred na Bernard batazira “Nkunda abantu” aribo bari baserukiye Uburundi muri iryo sabukuru.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.