Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kent-P arasigura igituma Sat-B agiye kumara iminsi ataboneka mu biteramo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Kent-P arasigura igituma Sat-B agiye kumara iminsi ataboneka mu biteramo (...)

Kent-P arasigura igituma Sat-B agiye kumara iminsi ataboneka mu biteramo vyo mu Burundi

mercredi 30 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’aho Sat-b yanditse ko ahagaritse ibiteramo, Kent-P umwunganizi wiwe avuga ko atari guhagarika ahubwo ari kwitaza. Kent-P amenyesha ko uwo yunganira ariwe Sat-b ashaka guca inzira y’iteka ridahabwa abaririmvyi b’Abarundi. Ikindi cakweze ihagarikwa ry’ibiteramo vya Sat-b, Kent-P avuga ko harimwo kwiga ingene amahera ahabwa abaririmvyi bavuye mu bindi bihugu nawe yoyarya.

Kent -P ati : "Sat-b aramaze kwubaka izina ryiwe aha mu gihugu, hasigaye ko rero arenza imbibe ibikorwa akisunga aho ibintu bigeze mu gisata c’umuziki."

Kent-P avuga kandi ko kugira umuririmvyi w’Uburundi ashike ku rwego mpuzamakungu bisaba ko amenya ingene ategura akazi kiwe, akamenya kandi ko amahera atanga ariko ategura ururirimbo canke video ategerezwa kuyasubizwa n’ico gikorwa nyene. Uwo mwunganizi ashikiriza ko benshi mu baririmvyi bo mu Burundi boba batazi ico bashaka gushikako, bigatuma batabona ico bikora.

Sat-b rero agiye kumara amezi ane ataboneka mu biteramo, ariko Kent-P amenyesha ko inyuma y’ayo mezi, azoheza akerekana ivyavuye mu mwiherero.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.