Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-B avuga ko yarondeye uwumucungera ubuzima kubera urwego (...)
Sat-B avuga ko yarondeye uwumucungera ubuzima kubera urwego agezeko
lundi 25 Nyakanga 2017, par
Bouncer, Hamissi canke Amigo, ayo niyo mazina y’umugabo asigaye agendanira Sat-B mu ntumbero yo kumucungira ubuzima.
![](local/cache-vignettes/L672xH672/v1-4-a4a91.jpg?1550743666)
Tumubajije ko yoba yarondeye uwumucungera kubera umutekano wiwe wahungabanye canke wabaye muke, Sat-B we siko abibona.
Yatwishuye ati : "Kurondera [Bodyguard] ni ibisanzwe. Mu bisanzwe iyo umu artiste amaze gushika ku rugero ndiko, ahura na benshi beza na babi. Kurondera umu Bodyguard bimfasha kworoherwa mu kazi kuko amfasha mu tuntu dutandukanye".
![](local/cache-vignettes/L672xH448/v2-4-12b5a.jpg?1550743666)
Bouncer asanzwe ari imvukira yo muri zone Kanyosha, Sat-B asanzwe avukamwo. Yabonetse inyuma ya Sat-B igihe haba urukino rwahuza abaririmvyi n’abamenyeshamakuru b’inkino. Binavugwa kandi ko Bouncer yoba yari mu bacungera Koffi Olomide igihe yaza kugirisha ibiteramo mu Burundi.
![](local/cache-vignettes/L672xH672/v3-ed653.jpg?1550743666)
Cherif NKESHIMANA
Messages
25 Nzero 2018, 22:34, par EGIDENIHORIMBERE
SHATURAGUSHIGIKIYE PEE
17 Rusama 2018, 15:39, par CAN-B
Kuba Sat-b Yariyumviriy Ico Ciyumviro Ni Vyiza Cane Kuko Hari Hageze.
11 Gitugutu 2018, 22:46, par lava bys buja
egome sat-b icociyu mviro yafase cokuro ndrera bodigad nico kuko bohava ba mwica nka sosok-y narambe tumuri nyuma singimiz
13 Munyonyo 2018, 20:05, par Fabikelly mugani
Sat_b ndagkunda nkakund nakazi kwaw bandany werekan unakund abaririmvyi nabrundi nabnyamahang umuzki ndundi big up sana mzee endelea kabsa