IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-B avuga ko yarondeye uwumucungera ubuzima kubera urwego (...)

Sat-B avuga ko yarondeye uwumucungera ubuzima kubera urwego agezeko

lundi 25 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Bouncer, Hamissi canke Amigo, ayo niyo mazina y’umugabo asigaye agendanira Sat-B mu ntumbero yo kumucungira ubuzima.

Tumubajije ko yoba yarondeye uwumucungera kubera umutekano wiwe wahungabanye canke wabaye muke, Sat-B we siko abibona.

Yatwishuye ati : "Kurondera [Bodyguard] ni ibisanzwe. Mu bisanzwe iyo umu artiste amaze gushika ku rugero ndiko, ahura na benshi beza na babi. Kurondera umu Bodyguard bimfasha kworoherwa mu kazi kuko amfasha mu tuntu dutandukanye".

Bouncer asanzwe ari imvukira yo muri zone Kanyosha, Sat-B asanzwe avukamwo. Yabonetse inyuma ya Sat-B igihe haba urukino rwahuza abaririmvyi n’abamenyeshamakuru b’inkino. Binavugwa kandi ko Bouncer yoba yari mu bacungera Koffi Olomide igihe yaza kugirisha ibiteramo mu Burundi.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.